10 Mugabo tuhamaze imisi itari mike, umuhanuzi yitwa Agabo+ amanuka avuye i Yudaya. 11 Aza aho turi, afata umukaba wa Pawulo, yiboha amaguru n’amaboko, avuga ati: «Impwemu nyeranda ivuze iti: “Umugabo nyene uyu mukaba, uku ni ko Abayuda bazomuboha i Yeruzalemu+, bamushikirize abanyamahanga+.”»