-
Abaheburayo 9:11, 12Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Ariko igihe Kristu yaza ari umuherezi mukuru w’ibintu vyiza bimaze kuba, yaciye mw’ihema rihambaye kuruta kandi ritunganye kuruta, ritakozwe n’amaboko, ni ukuvuga ritari iryo kw’isi. 12 Yarinjiye ahantu heranda, mugabo ntiyinjiranye amaraso y’impene n’ay’amashuri, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite+ rimwe rizima, maze biciye kuri we turonka ubukiriro* bw’ibihe bidahera+.
-