Abanyefeso 6:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja+ bo kw’isi* nk’abagamburukira Kristu, mutinya kandi mujugumira, ata buryarya mufise mu mitima yanyu. Abakolosayi 3:22 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 22 Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja bo kw’isi* muri vyose+. Ntimubigire igihe gusa babareretse, kugira gusa mushimishe abantu*, ahubwo mubigire ata buryarya mu mutima, mutinya Yehova*. 1 Timoteyo 6:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Abashumba* nibagume babona ko ba shebuja babereye kwubahwa rwose+, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho yayo ntivyigere bivugwa nabi+. Tito 2:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Abashumba nibayobokere ba shebuja muri vyose+, barondere kubashimisha, batavuga ngo na bo bavuge.
5 Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja+ bo kw’isi* nk’abagamburukira Kristu, mutinya kandi mujugumira, ata buryarya mufise mu mitima yanyu.
22 Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja bo kw’isi* muri vyose+. Ntimubigire igihe gusa babareretse, kugira gusa mushimishe abantu*, ahubwo mubigire ata buryarya mu mutima, mutinya Yehova*.
6 Abashumba* nibagume babona ko ba shebuja babereye kwubahwa rwose+, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho yayo ntivyigere bivugwa nabi+.