ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 17:2-5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Dufate ko muri kimwe mu bisagara Yehova Imana yanyu agira abahe, hadutse umugabo canke umugore wo muri mwebwe akora ibintu bibi mu maso ya Yehova Imana yanyu, akarenga kw’isezerano ryiwe+, 3 hanyuma agata umurongo, agatangura gusenga izindi mana no kuzunamira, canke akunamira izuba, ukwezi canke izindi ngabo zose zo kw’ijuru+, ikintu ntigeze ndabategeka+. 4 Nibabamenyesha ico kintu canke mukacumva, mukwiye guca mugitohoza neza. Nimwasanga ico kintu gishisha carabaye vy’ukuri+ muri Isirayeli, 5 mutegerezwa kujana kw’irembo ry’igisagara uwo mugabo canke uwo mugore yakoze ico kibi, muheze mumwicishe amabuye+.

  • Abaroma 16:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Ndabahimiriza rero bavukanyi, ngo mugumize ijisho ku bazana amacakubiri n’ibitsitaza, bikaba ari ibintu biteye kubiri n’inyigisho mwize, kandi mubirinde+.

  • 1 Abakorinto 5:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ariko ubu ndabandikiye ngo mureke kwifatanya+ n’uwo wese yitwa umuvukanyi mugabo akaba ari umusambanyi* canke umunyamunoho+ canke uwusenga ibigirwamana canke uwutukana canke imborerwa+ canke umwambuzi+. No gusangira ntimugasangire.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika