-
Gusubira mu vyagezwe 17:2-5Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
2 Dufate ko muri kimwe mu bisagara Yehova Imana yanyu agira abahe, hadutse umugabo canke umugore wo muri mwebwe akora ibintu bibi mu maso ya Yehova Imana yanyu, akarenga kw’isezerano ryiwe+, 3 hanyuma agata umurongo, agatangura gusenga izindi mana no kuzunamira, canke akunamira izuba, ukwezi canke izindi ngabo zose zo kw’ijuru+, ikintu ntigeze ndabategeka+. 4 Nibabamenyesha ico kintu canke mukacumva, mukwiye guca mugitohoza neza. Nimwasanga ico kintu gishisha carabaye vy’ukuri+ muri Isirayeli, 5 mutegerezwa kujana kw’irembo ry’igisagara uwo mugabo canke uwo mugore yakoze ico kibi, muheze mumwicishe amabuye+.
-