Zaburi
א [ʼAlefu]
Nzohaya Yehova n’umutima wanje wose+
ב [Beti]
Mu mugwi w’abagenzi somambike+ bagororotse no mw’ikoraniro+.
ג [Gimelu]
ה [Heʼ]
3 Igikorwa ciwe+ ni iteka n’ubwiza bwakaka+,
ו [Vau]
Ubugororotsi bwiwe na bwo bwamaho ibihe bidahera+.
ז [Zayini]
4 Yashiriyeho icibutso ibikorwa vyiwe vy’agatangaza+.
ח [Heti]
Yehova ni umunyempuhwe n’umunyembabazi+.
ט [Teti]
5 Yahaye ibifungurwa abamutinya+.
י [Yodi]
Azokwibuka isezerano ryiwe ibihe vyose+.
כ [Kafu]
מ [Memu]
7 Ibikorwa vy’amaboko yiwe ni ukuri be n’ubutungane+;
נ [Nuni]
Amateka atanga yose ni ayo kwizigirwa+,
ס [Sameki]
8 Ashigikiwe ibihe bidahera, gushika igihe kitagira urugero+,
ע [ʽAyini]
Yatunganijwe mu kuri no mu kugororoka+.
פ [Peʼ]
9 Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa+.
צ [Tsade]
Yategetse isezerano ryiwe kugumaho gushika igihe kitagira urugero+.
ק [Kofu]
Izina ryiwe ni ryeranda kandi rirateye ubwoba+.
ר [Reshi]
10 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+.
ש [Sini]
Abashitsa amateka yiwe bose bafise ugutahura nyakwo+.
ת [Tau]
Ishemezo ryiwe ryamaho ibihe bidahera+.