Zaburi
Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo.
110 Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri+:
“Icara iburyo bwanje+,
Gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.”
2 Inkoni+ y’inkomezi zawe Yehova azoyirungika ari i Siyoni+, ati:
“Genda uganze hagati y’abansi bawe+.”
3 Abantu bawe+ bazokwitanga babikunze+ ku musi w’inteko zawe za gisirikare+.
Mu bwiza bwakaka bw’ubweranda+, ufise igitero cawe c’imisore nk’amama y’ikime,
Bakaza bavuye mu gitereko c’umutwenzi+.
4 Yehova yararahiye+ (kandi ntazokwicuza+), ati:
“Uri umuherezi gushika igihe kitagira urugero+
Mu buryo bwa Melekisedeki+!”