Zaburi Agahibongozo ka Asafu. 82 Imana ihagaze mw’ikoraniro+ rya Nyenubumana+;Icira imanza hagati y’imana+ iti: 2 “Muzogeza ryari kuguma muca imanza mu karenganyo+No kugira nkunzi ku babisha+? Sela. 3 Nimubere abacamanza umuntu mutoyi n’impfuvyi*+.Nimutunganirize umurushwa na ntahonikora+. 4 Nimukize umuntu mutoyi be n’umworo+;Nimubarokore mu kuboko kw’ababisha+.” 5 Nta co bamenye, kandi ntibatahura+;Baguma bagendagenda mu mwiza+;Imishinge yose y’isi iranyiganyizwa+. 6 “Jewe naravuze nti: ‘Muri imana+,Kandi mwese muri abana ba Musumbavyose+. 7 Ni ukuri muzopfa nk’uko abantu bapfa+;Kandi nk’uko umuganwa wese agwa ni ko muzogwa+!’” 8 Haguruka, Mana we, ucire imanza isi+;Kuko ari wewe ukwiye kwigabira amahanga yose+.