ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 22
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Ahaziya, umwami w’Ubuyuda (1-9)

      • Ataliya yiha ubutegetsi (10-12)

2 Ngoma 22:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 21:16, 17
  • +2Bm 8:24-26

2 Ngoma 22:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:1, 13, 16; 2Ng 24:7
  • +1Bm 16:28

2 Ngoma 22:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 16:33; 2Bm 8:27, 28; Mik 6:16

2 Ngoma 22:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 22:3; 2Ng 18:14
  • +2Bm 8:15; 10:32

2 Ngoma 22:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Rama.» Ni izina Ramoti-Gileyadi rivunaguye.

  • *

    Mu mizingo imwimwe y’igiheburayo yitwa Azariya.

  • *

    Canke «yari yarakomeretse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 19:18, 23
  • +2Bm 9:15
  • +2Bm 8:16
  • +2Bm 3:1
  • +2Bm 9:16

2 Ngoma 22:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:16; 2Bm 9:20, 21
  • +2Bm 9:6, 7

2 Ngoma 22:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abahungu ba benewabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 10:10-14

2 Ngoma 22:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yarondeye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 9:27, 28
  • +2Ng 17:3, 4

2 Ngoma 22:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rwose rw’ubwami.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 22:2
  • +2Bm 11:1-3

2 Ngoma 22:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yiba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:21
  • +2Bm 8:16
  • +2Sm 7:12, 13; 1Bm 15:4; 2Ng 21:7
  • +2Ng 23:1

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 22:12Ng 21:16, 17
2 Ngo. 22:12Bm 8:24-26
2 Ngo. 22:22Bm 11:1, 13, 16; 2Ng 24:7
2 Ngo. 22:21Bm 16:28
2 Ngo. 22:31Bm 16:33; 2Bm 8:27, 28; Mik 6:16
2 Ngo. 22:51Bm 22:3; 2Ng 18:14
2 Ngo. 22:52Bm 8:15; 10:32
2 Ngo. 22:6Yos 19:18, 23
2 Ngo. 22:62Bm 9:15
2 Ngo. 22:62Bm 8:16
2 Ngo. 22:62Bm 3:1
2 Ngo. 22:62Bm 9:16
2 Ngo. 22:71Bm 19:16; 2Bm 9:20, 21
2 Ngo. 22:72Bm 9:6, 7
2 Ngo. 22:82Bm 10:10-14
2 Ngo. 22:92Bm 9:27, 28
2 Ngo. 22:92Ng 17:3, 4
2 Ngo. 22:102Ng 22:2
2 Ngo. 22:102Bm 11:1-3
2 Ngo. 22:112Bm 11:21
2 Ngo. 22:112Bm 8:16
2 Ngo. 22:112Sm 7:12, 13; 1Bm 15:4; 2Ng 21:7
2 Ngo. 22:112Ng 23:1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 22:1-12

Ngoma za kabiri

22 Maze ababa i Yeruzalemu bimika Ahaziya umuhungu wiwe w’umuhererezi ngo abe umwami mu kibanza ciwe. Babigize kuko ka kagwi k’abambuzi kazanana n’Abarabu gutera ikambi y’Ubuyuda kishe bakuruwe bose+. Nuko umwami Ahaziya mwene Yehoramu atangura kuganza Ubuyuda+. 2 Ahaziya yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+, akaba yari umwuzukuru* wa Omuri+.

3 Na we nyene yakurikiye akarorero kabi k’abo mu muryango wa Ahabu+, kuko nyina yamuhanura gukora ivy’ububisha. 4 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nk’abo mu muryango wa Ahabu, kuko aho se apfiriye ari bo bari basigaye ari abajanama biwe, bikaba vyamukwegeye guhona. 5 Ahaziya yakurikije impanuro bamuha, aja i Ramoti-Gileyadi+ ari kumwe na Yehoramu mwene Ahabu umwami wa Isirayeli. Bari bagiye kurwana na Hazayeli+ umwami wa Siriya, mugabo abarasisha umuheto bakomeretsa Yehoramu. 6 Yehoramu aca asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko bari bamukomerekeje igihe yari i Ramoti* kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya+.

Nayo Ahaziya* mwene Yehoramu+ umwami w’Ubuyuda aja i Yezireli gusuhuza Yehoramu+ mwene Ahabu, kuko yari arwaye*+. 7 Mugabo Imana yatumye urugendo Ahaziya yagize aja kwa Yehoramu rumuviramwo urupfu. Amaze gushikayo, yajanye na Yehoramu gusanganira Yehu+ umwuzukuru* wa Nimushi, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta* kugira ahonye umuryango wa Ahabu+. 8 Aho Yehu atanguriye gushira mu ngiro urubanza rwaciriwe umuryango wa Ahabu, yahuye n’abatware bo mu Buyuda be n’abahungwabo* na Ahaziya, bakaba bakorera Ahaziya, maze arabica+. 9 Aca arondera Ahaziya. Bamusanze aho yari yinyegeje i Samariya, baramufata baraheza bamuzanira Yehu. Baca baramwica maze baramuhamba+, kuko bavuze bati: «Ni umwuzukuru wa Yehoshafati, umwami yakoreye* Yehova n’umutima wiwe wose+.» Nta muntu n’umwe wo mu muryango wa Ahaziya yari ashoboye kuganza ari umwami.

10 Nuko Ataliya+ nyina wa Ahaziya abonye ko umuhungu wiwe yapfuye, aca ava hasi ahonya abo mu nda y’ingoma bose* mu Buyuda+. 11 Ariko Yehoshabeyati umukobwa w’umwami atora mu mpisho* Yehowasi+ mwene Ahaziya, amukura mu bahungu b’umwami bagira bicwe. Aja kumunyegeza we n’umurezi wiwe mu cumba kimwe. Yehoshabeyati umukobwa w’umwami Yehoramu+ yagumye anyegeje uwo muhungu ku buryo Ataliya atashoboye kumubona ngo amwice+. (Yehoshabeyati yari umugore w’umuherezi Yehoyada+ akaba na mushiki wa Ahaziya.) 12 Yehowasi agumana na bo imyaka itandatu binyegeje mu nzu y’Imana y’ukuri. Ataliya ni we yaganza igihugu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika