Zaburi
Isengesho ry’umuntu ahahazwa, igihe yihebuye* maze agasuka amaganya yiwe imbere ya Yehova+.
2 Ntumpishe mu maso hawe igihe ndi mu magorwa+.
6 Nsigaye nsa n’inyanana yo mu bugaragwa.
Meze nk’agahuna gatoyi kari mu bihomvagurike.
8 Abansi banje birirwa barantuka+.
Abancokora* bakoresha izina ryanje nk’umuvumo.
9 Umunyota usigaye ari wo mukate wanje+,
kandi ivyo nywa ndabivanga n’amosozi+
10 kubera ishavu ryawe n’uburake bwawe,
kuko wanshize hejuru kugira gusa unte kure.
12 Ariko wewe wamaho ibihe vyose, ewe Yehova+!
Izina* ryawe rizokwamaho uko urunganwe* ruzokurikira urundi+.
13 Emwe, uzohaguruka ugirire imbabazi Siyoni+,
kuko hageze ko uyigirira ubuntu+.
Igihe washinze cageze+.
19 Kuko Yehova araba hasi yibereye hejuru ahantu hiwe heranda+,
akitegereza isi yibereye mw’ijuru,
20 kugira yumve amarira y’imbohe+
no kugira abohore abaciriwe urwo gupfa+,
21 maze izina rya Yehova ritangazwe i Siyoni+
n’ubuninahazwa bwiwe i Yeruzalemu,
22 igihe amahanga n’ubwami
23 Yatwaye inguvu zanje hataragera,
agabanya imisi yanje yo kubaho.
24 Navuze nti: «Ewe Mana yanje,
wewe wamaho uko urunganwe rukurikira urundi+,
ntunkureho ikiringo canje co kubaho kigeze hagati!
26 Ivyo bizovaho ariko wewe uzokwamaho.
Vyose bizohera nka kurya kw’ivyambarwa.
Uzobisubiriza nka kurya kw’impuzu kandi bizozimangana.
27 Ariko wewe ntiwigera uhinduka, n’imyaka yawe ntiyigera ihera+.