Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
20 Ese Yehova yokwishura ku musi w’amarushwa,
izina ry’Imana ya Yakobo rikagukingira+.
2 Ese yogufasha ari ahantu heranda+,
akagushigikira ari i Siyoni+.
3 Ese yokwibuka amashikanwa yawe yose,
akemera amashikanwa yawe aturirwa. (Sela)
4 Naguhe ivyo umutima wawe wipfuza+,
yongere atume imigambi yawe yose iroranirwa.
5 Tuzokwiha akaruru k’umunezero kubera ubukiriro utanga+.
Tuzoduza utudarapo twacu mw’izina ry’Imana yacu+.
Ese Yehova yoguha ivyo umusaba vyose.
6 Ubu rero ndazi ko Yehova arokora uwo yarobanuje amavuta+.
Amwishura yibereye mw’ijuru ryiwe ryeranda,
akamukiza mu buryo buhambaye akoresheje ukuryo kwiwe+.
7 Hari abishimira imikogote, abandi bakishimira amafarasi+,
ariko twebwe twambaza izina rya Yehova Imana yacu+.
8 Baradandabagiranye baragwa,
ariko twebwe twarahagurutse, turasubirana+.
9 Ewe Yehova, nukize umwami+!
Imana izotwishura umusi twayitabaje+.