Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: iyi ndirimbo ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni zaburi ya Asafu+.
5 Abagabo b’intwari baranyazwe urukombamazi+.
Barasinziriye mu rupfu,
abarwanyi bose vyarabananiye kwirwanira+.
6 Ewe Mana ya Yakobo, bivuye ku gukankama kwawe,
ifarasi n’uwutwara umukogote vyose vyarasinziriye mu rupfu+.
7 Ni wewe wenyene uteye ubwoba+.
Ni nde yokwihanganira ishavu ryawe rikaze+?
8 Wasomye urubanza uri mw’ijuru+.
Isi yaratinye, iguma icereje+
9 igihe Imana yahaguruka ngo ishitse urubanza,
kugira ikize abantu bose bo kw’isi bitonda+. (Sela)
11 Nimugirire indagano Yehova Imana yanyu kandi muzishitse+.
Abamukikuje bose nibamuzanire amashikanwa n’icubahiro cinshi+.
12 Azocisha bugufi indongozi zishima,
atume abami bo kw’isi bagira ubwoba.