Abalewi
15 Yehova abandanya kubwira Musa na Aroni ati: 2 «Bwira Abisirayeli muti: “Umugabo niyazana ibintu birenduka mu gihimba ciwe c’irondoka* bitumwe n’indwara, azoca aba uwuhumanye kubera ivyo bintu+. 3 Ivyo bintu bizotuma aba uwuhumanye. Naho vyobandanya kuza canke bigatuma igihimba ciwe c’irondoka kiziba, azoba ahumanye.
4 Igitanda cose uwo mugabo aryamyeko kizoba gihumanye, kandi n’ikintu cose yicayeko kizoba gihumanye. 5 Uwukoze ku gitanda ciwe azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. 6 Uwicaye ku kintu uwo mugabo yicayeko azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 7 Uwumukozeko wese azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 8 Uwo mugabo arwaye niyacira ku muntu adahumanye, uwo yaciriyeko azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 9 Niyicara ku kintu ico ari co cose bicarako ku gitwazi*, ico kintu kizoca gihumana. 10 Uwuzokora ku bintu vyari munsi yiwe azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba. Umuntu wese azoterura ivyo bintu azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 11 Uwo mugabo arwaye+ niyakora ku wundi muntu kandi atakaravye, uwo yakozeko azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 12 Igikoresho cose c’ibumba uwo mugabo arwaye akozeko bakwiye kukimena, ariko igikoresho cose c’igiti akozeko bakwiye kucoza+.
13 Ivyo bintu biva mu gihimba ciwe c’irondoka nivyahagarara, agakira iyo ndwara, azoca aharura imisi indwi kugira yihumanure. Azomesa impuzu ziwe, yiyoge amazi bavomye ku mugezi, aheze abe uwudahumanye+. 14 Ku musi ugira umunani, azotora intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+, aze imbere ya Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro hanyuma azihe umuherezi. 15 Umuherezi azozishikanira Imana, imwe ibe ishikanwa ry’igicumuro, iyindi ibe ishikanwa riturirwa. Azoheza amutangire impongano* imbere ya Yehova kubera iyo ndwara yiwe.
16 Imbuto z’umugabo nizamuvamwo, akwiye kwoga umubiri wose hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. 17 Akwiye kumesa impuzu yose canke urushato rwose izo mbuto zagiyeko, kandi ico kintu gikwiye kuba igihumanye gushika ku mugoroba.
18 Umugabo niyaryamana n’umugore hanyuma imbuto zikamuvamwo, bose bakwiye kwoga hanyuma babe abahumanye gushika ku mugoroba+.
19 Umugore niyaja mu butinyanka*, azomara imisi indwi ahumanye kubera ubwo butinyanka+. Uwumukozeko wese azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba+. 20 Ikintu cose aryamyeko ari muri ubwo butinyanka kizoba gihumanye, kandi n’ikintu cose yicayeko kizoba gihumanye+. 21 Umuntu wese akoze ku gitanda ciwe azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 22 Umuntu wese akoze ku kintu ico ari co cose yicayeko azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. 23 Umuntu wese akoze ku gitanda canke ku kindi kintu yicayeko azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba+. 24 Nihagira umugabo aryamana na we hanyuma ubutinyanka bwiwe bukamujako+, uwo mugabo azomara imisi indwi ahumanye. Igitanda cose uwo mugabo aryamyeko kizoba gihumanye.
25 Umugore niyamara imisi myinshi ava amaraso+ kandi atari co gihe asanzwe aja mu butinyanka+, canke akaja mu butinyanka ariko akamara imisi isumba iyo yahora amara, iyo misi yose azoba ahumanye nka kurya bigenda ari mu butinyanka. 26 Igitanda cose aryamyeko muri iyo misi kizoba gihumanye nka kurya kw’igitanda aryamako ari mu butinyanka+. Ikintu cose yicayeko kizoca gihumana nka kurya bigenda ari mu butinyanka. 27 Umuntu wese abikozeko azoca aba uwuhumanye. Azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+.
28 Iyo ndwara yo kuva amaraso niyahagarara, azoca yiharurira imisi indwi aheze abe uwudahumanye+. 29 Ku musi ugira umunani, azotora intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+, azizanire umuherezi ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. 30 Umuherezi azoca azishikanira Imana, imwe ibe ishikanwa ry’igicumuro, iyindi ibe ishikanwa riturirwa. Azomutangira impongano imbere ya Yehova kubera ubwo buhumane bwiwe+.
31 Mukwiye rero gufasha Abisirayeli kwitandukanya n’ubuhumane bwabo, kugira ntibapfe kubera bahumanije ihema ryanje ryeranda riri hagati yabo+.
32 Iryo ni ryo tegeko rigenga umugabo afise indwara ituma mu gihimba ciwe c’irondoka haza ibintu birenduka, umugabo ahumanye kubera imbuto zamuvuyemwo+, 33 umugore ari mu butinyanka+, umugabo canke umugore afise ibintu biva mu gihimba c’irondoka+ be n’umugabo yaryamanye n’umugore ahumanye.”»