Matayo
19 Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca ava i Galilaya aja ku rubibe* rwa Yudaya, hakurya ya Yorodani+. 2 Amasinzi y’abantu aramukurikira, na we abakirizayo.
3 Abafarizayo baza aho ari bashaka kumutega, bamubaza bati: «Vyoba vyemewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe ku mvo iyo ari yo yose+?» 4 Yezu abishura ati: «Ntimwasomye ko uwabaremye kuva mu ntango yabaremye ari umugabo n’umugore+? 5 Yavuze ati: “Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata*, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.” 6 Ntibaba bakiri babiri rero, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ico Imana yafatanije* rero ntihaze hagire umuntu agitandukanya+.» 7 Baca bamubwira bati: «Kubera iki none Musa yategetse ko umuntu amuha urupapuro* rwo kwahukana maze akamwirukana+?» 8 Abishura ati: «Musa yabemereye kwirukana abagore banyu kubera mufise imitima ikomantaye+, ariko mu ntango si ko vyari bimeze+. 9 Ndababwiye ko uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi* hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+.»
10 Abigishwa biwe baca bamubwira bati: «Nimba ivy’umugabo n’umugore wiwe ari ukwo bimeze, umuntu yopfuma areka kwubaka.» 11 Na we abishura ati: «Si bose bavyemera, kiretse abafise iyo ngabirano+. 12 Kuko hariho inkone* zavutse gutyo, hakabaho inkone zagizwe inkone n’abantu, hakabaho n’inkone zigize inkone kubera Ubwami bwo mw’ijuru. Uwushobora kuvyemera rero navyemere+.»
13 Hanyuma bamuzanira abana batoyi ngo abarambikeko ibiganza yongere abasengere, ariko abigishwa biwe barabakankamira+. 14 Mugabo Yezu ababwira ati: «Nimureke abo bana, kandi ntimubabuze kuza aho ndi, kuko Ubwami bwo mw’ijuru ari ubw’abameze nk’abo+.» 15 Aca abarambikako ibiganza, hanyuma ava ng’aho aragenda.
16 Maze haza umuntu umwe, amubaza ati: «Mwigisha, ni iciza ikihe nokora kugira nze ndonke ubuzima budahera+?» 17 Amwishura ati: «Kubera iki umbaza ivyerekeye iciza? Umwe gusa ni we ari mwiza+. Ariko nimba ushaka kuronka ubuzima, guma wubahiriza amabwirizwa+.» 18 Na we amubaza ati: «Ayahe?» Yezu amwishura ati: «Ntukice+, ntukarenge ibigo+, ntukibe+, ntukagirize ibinyoma mugenzawe+, 19 tera iteka so wawe na nyoko wawe+, kandi utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.» 20 Uyo musore aca amubwira ati: «Ivyo vyose narabikurikije. Ico mbuze ni igiki?» 21 Yezu aca amubwira ati: «Nimba ushaka kuba uwutunganye*, genda ugurishe ivyo ufise maze ufashe abakene, uzoheza ugire itunga mw’ijuru+. Hanyuma uce uza unkurikire+.» 22 Uwo musore avyumvise, aca agenda ababaye cane, kuko yari atunze ibintu vyinshi+. 23 Yezu aca abwira abigishwa biwe ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, bizogorana ko umutunzi yinjira mu Bwami bwo mw’ijuru+. 24 Ndabisubiyemwo: biroroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana+.»
25 Abigishwa bavyumvise barumirwa, maze bavuga bati: «Ni nde vy’ukuri ashobora kurokoka+?» 26 Yezu arabihweza, aca ababwira ati: «Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka+.»
27 Petero aca amubaza ati: «Raba twebwe twarahevye vyose turagukurikira. None tuzoronka iki+?» 28 Yezu abishura ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, Umwana w’umuntu niyicara ku ntebe yiwe y’ubuninahazwa muri ca gihe co guhindura ibintu vyose bikaba bishasha*, mwebwe mwankurikiye muzokwicara ku ntebe z’ubwami 12, mucire imanza imiryango 12 ya Isirayeli+. 29 Kandi umuntu wese yahevye amazu, benewabo, bashikiwe, se wiwe, nyina wiwe, abana canke amatongo kubera izina ryanje, azoronka ibiruta ivyo incuro ijana kandi azotorana ubuzima budahera+.
30 Ariko benshi mu ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.