ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 5:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Gutyo imisi yose Adamu yabayeho igera ku myaka amajana icenda na mirongo itatu, araheza arapfa+.

  • Yohani 8:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 Mwebwe muva kuri so Shetani*+, kandi mushaka gushitsa ivyipfuzo vya so+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango+, kandi ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo avuga ikinyoma, avuga nk’uko agatima kiwe bwite kari, kuko ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma+.

  • 1 Yohani 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Uwushishikara igicumuro akomoka kuri Shetani*, kuko uwo Shetani yamye acumura guhera mu ntango+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana yerekanwa+: ni ukugira ngo asambure ibikorwa vya Shetani+.

  • Ivyahishuwe 21:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nayo abanyabwoba n’abatagira ukwizera+, n’abasesemye bagendera mu mucafu+ wabo, be n’abicanyi+ n’abasambanyi+, n’abagira ivy’ubupfumu n’abasenga ibigirwamana+ n’ababeshi+ bose, umugabane wabo uzoba muri ca kiyaga cakishwa umuriro+ n’amazuku+. Ico gisobanura urupfu rwa kabiri+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika