ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 14:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Atwara amatunga y’inzu ya Yehova n’amatunga y’inzu y’umwami+; atwara ikintu cose+. Atwara kandi za nkinzo zose z’inzahabu Salomo yari yarakoze+.

  • Yobu 27:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Yotegura, mugabo umugororotsi ni we yokwambara+,

      Kandi ifeza, intungane ni yo yoyironkako umuturi.

  • Zaburi 39:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Ni ukuri, umuntu burya agendagenda ari ishusho nsa+.

      Ni ukuri, basebagirikira ubusa+.

      Umuntu ararundanya ibintu, ntamenye uwuzobitwara+.

  • Imigani 23:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mbega wabukubitijeko amaso, kandi ari ubusa+? Kuko butabura kwimerera amababa nk’ay’inkona, bukaguruka bwerekeza mu majuru+.

  • Matayo 6:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Mureke kwirundaniriza amatunga+ kw’isi, aho udukoko* n’ingese bikegeta, aho kandi ibisuma bimena bikiba.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika