ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abaroma 3:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Biciye ku bikorwa vy’itegeko rero nta muntu n’umwe azokwitwa umugororotsi+ imbere yayo, kuko biciye kw’itegeko+ ari ho ubumenyi butagira amakosa bwerekeye igicumuro buboneka+.

  • Abagalatiya 2:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Simpindira ku ruhande ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana+; kuko nimba ubugororotsi buboneka biciye kw’itegeko+, Kristu mu vy’ukuri yapfiriye ubusa+.

  • Abaheburayo 7:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kuko Itegeko ata co ryatumye kiba ikitagira akanenge+, mugabo ukuzanwa kw’icizigiro kirushirije kuba ciza kwarabigize+, biciye kuri co tukaba turiko turegera Imana+.

  • Abaheburayo 9:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Iryo hema nyene ni ikigereranyo+ ku bw’igihe cashinzwe ubu cashitse+, kandi hisunzwe ico kigereranyo amashikanwa n’ibimazi birashikanwa+. Ariko ivyo ntibishobora gutuma uwukora igikorwa ceranda aba uwutagira akanenge+ ku vyerekeye ijwi ryiwe ryo mu mutima+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika