Ivyakozwe 23:1 Bibiliya y’isi nshasha 23 Paulo ashinga ijisho Inama Nkuru, avuga ati: “Bagabo, bene wacu, nagendeye imbere y’Imana mfise ijwi ryo mu mutima ritanyagiriza ikibi na gato+ gushika uno musi.” Ivyakozwe 24:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Muri ivyo koko ni ho ndiko nihata ubudahengeshanya ngo ngire ijwi ryo mu mutima+ rimbwira ko ata kibi ndiko nkorera Imana n’abantu. 1 Timoteyo 1:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Mu vy’ukuri intumbero y’iryo bwirizwa ni urukundo+ ruva ku mutima udahumanye+ no kw’ijwi ryo mu mutima ryiza+ be no ku kwizera kutagira ubwiyorobetsi+. 1 Timoteyo 1:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 ukagumana ukwizera n’ijwi ryo mu mutima ryiza+, iryo bamwe bashibuye+ bagashikirwa n’ugusāba nk’imeri mu bijanye n’ukwizera kwabo+. 1 Timoteyo 3:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 bagumya ibanga ryeranda+ ry’ukwizera bari n’ijwi ryo mu mutima ridahumanye+.
23 Paulo ashinga ijisho Inama Nkuru, avuga ati: “Bagabo, bene wacu, nagendeye imbere y’Imana mfise ijwi ryo mu mutima ritanyagiriza ikibi na gato+ gushika uno musi.”
16 Muri ivyo koko ni ho ndiko nihata ubudahengeshanya ngo ngire ijwi ryo mu mutima+ rimbwira ko ata kibi ndiko nkorera Imana n’abantu.
5 Mu vy’ukuri intumbero y’iryo bwirizwa ni urukundo+ ruva ku mutima udahumanye+ no kw’ijwi ryo mu mutima ryiza+ be no ku kwizera kutagira ubwiyorobetsi+.
19 ukagumana ukwizera n’ijwi ryo mu mutima ryiza+, iryo bamwe bashibuye+ bagashikirwa n’ugusāba nk’imeri mu bijanye n’ukwizera kwabo+.