Yesaya 55:1 Bibiliya y’isi nshasha 55 Yemwe abanyotewe mwese+! Nimuze ku mazi+. N’abatagira amahera! Nimuze, mugure murye+. Egome, nimuze, mugure umuvinyu+ n’amata+ mbere ata mahera canke ikiguzi+. Yohani 7:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 Ku musi wa nyuma, ari wo uhambaye kuri uwo musi mukuru+, Yezu arahagarara, arasemerera ati: “Nimba hari uwunyotewe+, naze kuri jewe anywe. Ivyahishuwe 7:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 kuko wa Mwagazi w’intama+ ari hagati ya ya ntebe y’ubwami azobaragira+, kandi azobarongora ku masôko y’amazi+ y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo+.” Ivyahishuwe 21:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Araheza ambwira ati: “Birakozwe! Ndi Alufa na Omega, intango n’iherezo+. Uwo wese anyotewe nzomuha kw’isôko ry’amazi y’ubuzima ku buntu+.
55 Yemwe abanyotewe mwese+! Nimuze ku mazi+. N’abatagira amahera! Nimuze, mugure murye+. Egome, nimuze, mugure umuvinyu+ n’amata+ mbere ata mahera canke ikiguzi+.
37 Ku musi wa nyuma, ari wo uhambaye kuri uwo musi mukuru+, Yezu arahagarara, arasemerera ati: “Nimba hari uwunyotewe+, naze kuri jewe anywe.
17 kuko wa Mwagazi w’intama+ ari hagati ya ya ntebe y’ubwami azobaragira+, kandi azobarongora ku masôko y’amazi+ y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo+.”
6 Araheza ambwira ati: “Birakozwe! Ndi Alufa na Omega, intango n’iherezo+. Uwo wese anyotewe nzomuha kw’isôko ry’amazi y’ubuzima ku buntu+.