2 uwa mbere ni Sihoni+ umwami w’Abamori. Yaba i Heshiboni, agatwara igisagara ca Aroweri+ cari ku mpera y’umubande wa Arunoni+. Yatwara n’akarere kava hagati mu mubande wa Arunoni gushika ku mwonga wa Yaboki hamwe n’igice ca Gileyadi. Umwonga wa Yaboki ni wo wari urubibe rw’Abamoni.