1 Abami 8:39 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 39 uze wumve rero uri mw’ijuru aho uba+, ubababarire+, uheze ubatabare. Umwe wese uze umuhe ibikwiranye n’ivyo akora+ kuko uzi umutima wiwe. (Ni wewe wenyene uzi neza umutima w’umuntu wese+.) 1 Ngoma 28:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Nawe Salomo mwananje, nurondere kumenya Imana ya so kandi uyikorere n’umutima wawe wose*+ be n’umutima uhimbawe*, kuko Yehova asuzuma imitima yose+ akamenya imigambi* yose umuntu afise mu mutima n’ivyiyumviro vyiwe+. Niwamurondera uzomuronka*+ mugabo niwamuheba na we azoguheba ibihe vyose+. Zaburi 7:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Ndagusavye urangize ibikorwa vy’ababisha, ariko ukomeze abagororotsi+,kuko uri Imana igororotse+, isuzuma imitima+ ikamenya n’uko abantu biyumva*+. Imigani 24:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Hamwe wovuga uti: «Ivyo nta vyo twari tuzi», mbega umwe asuzuma imitima* ntazobimenya+? Emwe, umwe akwitegereza azobimenyakandi azohemba umuntu wese yisunze ivyo yakoze+. Yeremiya 17:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Jewe Yehova nsesa umutima+,ngasuzuma ivyiyumviro vy’ibwina*,kugira ngo umwe wese ndamuhe ibihuye n’ingeso ziwe,ibihuye n’ivyo akora*+. Ivyakozwe 1:24 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 24 Hanyuma barasenga bati: «Ewe Yehova*, wewe uzi imitima ya bose+, erekana muri aba bantu babiri uwo watoye
39 uze wumve rero uri mw’ijuru aho uba+, ubababarire+, uheze ubatabare. Umwe wese uze umuhe ibikwiranye n’ivyo akora+ kuko uzi umutima wiwe. (Ni wewe wenyene uzi neza umutima w’umuntu wese+.)
9 Nawe Salomo mwananje, nurondere kumenya Imana ya so kandi uyikorere n’umutima wawe wose*+ be n’umutima uhimbawe*, kuko Yehova asuzuma imitima yose+ akamenya imigambi* yose umuntu afise mu mutima n’ivyiyumviro vyiwe+. Niwamurondera uzomuronka*+ mugabo niwamuheba na we azoguheba ibihe vyose+.
9 Ndagusavye urangize ibikorwa vy’ababisha, ariko ukomeze abagororotsi+,kuko uri Imana igororotse+, isuzuma imitima+ ikamenya n’uko abantu biyumva*+.
12 Hamwe wovuga uti: «Ivyo nta vyo twari tuzi», mbega umwe asuzuma imitima* ntazobimenya+? Emwe, umwe akwitegereza azobimenyakandi azohemba umuntu wese yisunze ivyo yakoze+.
10 Jewe Yehova nsesa umutima+,ngasuzuma ivyiyumviro vy’ibwina*,kugira ngo umwe wese ndamuhe ibihuye n’ingeso ziwe,ibihuye n’ivyo akora*+.
24 Hanyuma barasenga bati: «Ewe Yehova*, wewe uzi imitima ya bose+, erekana muri aba bantu babiri uwo watoye