-
Guharura 14:13-16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Mugabo Musa abwira Yehova ati: «Aba bantu wabakuye mu Misiri ukoresheje ububasha bwawe. Niwabahonya, Abanyamisiri bazovyumva+ 14 kandi bazobibwira ababa mu gihugu tugiyemwo. Na bo nyene barumvise ko wewe Yehova uri hagati y’aba bantu+ be n’uko wabiyeretse amaso mu yandi+. Uri Yehova kandi igicu cawe kiguma hejuru yabo. Ku murango ugendera imbere yabo mu nkingi y’igicu, mw’ijoro na ho mu nkingi y’umuriro+. 15 Hamwe wokwicira rimwe aba bantu bose*, amahanga yumvise ingene uri rurangiranwa yohava avuga ngo: 16 “Yehova vyaramunaniye gushikana aba bantu mu gihugu yarahiye ko azobaha, ni co gituma yaciye abicira mu bugaragwa+.”
-
-
Gusubira mu vyagezwe 9:27, 28Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
27 Niwibuke abasavyi bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo+. Nturabe ukutagondwa kw’aba bantu, ububisha bwabo n’igicumuro cabo+. 28 Ahandiho abantu bo mu gihugu wadukuyemwo bohava bavuga ngo: ‘Yehova vyaramunaniye kubashikana mu gihugu yabasezeraniye. Yabakuye ino kugira abicire mu bugaragwa kubera abanka+.’
-