ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 14:13-16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Mugabo Musa abwira Yehova ati: «Aba bantu wabakuye mu Misiri ukoresheje ububasha bwawe. Niwabahonya, Abanyamisiri bazovyumva+ 14 kandi bazobibwira ababa mu gihugu tugiyemwo. Na bo nyene barumvise ko wewe Yehova uri hagati y’aba bantu+ be n’uko wabiyeretse amaso mu yandi+. Uri Yehova kandi igicu cawe kiguma hejuru yabo. Ku murango ugendera imbere yabo mu nkingi y’igicu, mw’ijoro na ho mu nkingi y’umuriro+. 15 Hamwe wokwicira rimwe aba bantu bose*, amahanga yumvise ingene uri rurangiranwa yohava avuga ngo: 16 “Yehova vyaramunaniye gushikana aba bantu mu gihugu yarahiye ko azobaha, ni co gituma yaciye abicira mu bugaragwa+.”

  • Gusubira mu vyagezwe 9:27, 28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Niwibuke abasavyi bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo+. Nturabe ukutagondwa kw’aba bantu, ububisha bwabo n’igicumuro cabo+. 28 Ahandiho abantu bo mu gihugu wadukuyemwo bohava bavuga ngo: ‘Yehova vyaramunaniye kubashikana mu gihugu yabasezeraniye. Yabakuye ino kugira abicire mu bugaragwa kubera abanka+.’

  • 1 Samweli 12:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Yehova ntazobata mwebwe abantu biwe+ kubera izina ryiwe rihambaye+, kuko Yehova yiyemeje kubagira abiwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika