ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:8-10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Wibuke kwubahiriza umusi w’isabato kugira ugume ari mweranda+. 9 Uzokora ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu+, 10 mugabo umusi ugira indwi ni isabato ya Yehova Imana yawe. Ntuze ukore igikorwa na kimwe, yaba wewe, umuhungu wawe, umukobwa wawe, umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore, igitungwa cawe canke kavamahanga aba mu mahema yawe+.

  • Abalewi 23:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Muzokora ibikorwa mu misi itandatu, ariko umusi ugira indwi ni isabato y’akaruhuko kuzuye+, ikoraniro ryeranda. Nta gikorwa na kimwe mukwiye gukora. Ni isabato ya Yehova aho muzoba muba hose+.

  • Abalewi 23:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 «Bwira Abisirayeli uti: “Umusi wa mbere w’ukwezi kugira indwi uzoba ari umusi w’akaruhuko kuzuye. Ni umusi w’intibagirwa uzotangazwa mu kuvuza urumbete+, umusi w’ikoraniro ryeranda.

  • Abalewi 25:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Ariko mu mwaka ugira indwi hazoba isabato y’akaruhuko kuzuye mu gihugu, isabato ya Yehova. Ntimuze muteragire imbuto mu mirima yanyu canke ngo mututurire imirima yanyu y’imizabibu.

  • Abalewi 25:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Uwo mwaka ugira 50 uzoba ari Yubile yanyu. Ntimuze muteragire imbuto canke ngo mwimbure ivyimejeje bivuye ku ntete zakorotse muriko murimbura, kandi ntimuze mwegeranye inzabibu zo ku biti mutazoba mwaratuturiye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika