-
Kuvayo 20:8-10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
8 Wibuke kwubahiriza umusi w’isabato kugira ugume ari mweranda+. 9 Uzokora ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu+, 10 mugabo umusi ugira indwi ni isabato ya Yehova Imana yawe. Ntuze ukore igikorwa na kimwe, yaba wewe, umuhungu wawe, umukobwa wawe, umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore, igitungwa cawe canke kavamahanga aba mu mahema yawe+.
-
-
Abalewi 25:4Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
4 Ariko mu mwaka ugira indwi hazoba isabato y’akaruhuko kuzuye mu gihugu, isabato ya Yehova. Ntimuze muteragire imbuto mu mirima yanyu canke ngo mututurire imirima yanyu y’imizabibu.
-