ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyakozwe 19:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Nuko atuma i Masedwane babiri mu bamufasha ibikorwa, ari bo Timoteyo+ na Erasito+, mugabo we aba aragumye gatoyi mu ntara ya Aziya.

  • Abaroma 16:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Umukozi mugenzanje Timoteyo arabaramutsa, n’incuti zanje+ Lusiyo, Yasoni na Sosipatero.

  • 1 Abakorinto 4:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Ni co gituma ndabarungikiye Timoteyo, kuko ari umwana wanje nkunda cane kandi w’umwizigirwa mu Mukama. Azobibutsa ukuntu nkora ibintu* mu gikorwa ca Kristu Yezu+, nk’uko nsanzwe nigisha hose mu mashengero yose.

  • 1 Abatesalonika 3:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 maze tukabarungikira Timoteyo+, umuvukanyi wacu akaba n’umusuku w’Imana* mu bijanye n’inkuru nziza yerekeye Kristu. Twamurungitse kugira ngo abafashe gushikama* yongere abahoze mu bijanye n’ukwizera kwanyu,

  • 1 Timoteyo 1:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 ndakwandikiye wewe Timoteyo*+, umwana wanje nyakuri+ mu kwizera.

      Ubuntu buhebuje*, imbabazi n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu bibane nawe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika