Timoteyo wa mbere
1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristu Yezu bivuye kw’itegeko ry’Imana Umukiza wacu n’irya Kristu Yezu, we cizigiro cacu+, 2 ndakwandikiye wewe Timoteyo*+, umwana wanje nyakuri+ mu kwizera.
Ubuntu buhebuje*, imbabazi n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu bibane nawe.
3 Nk’uko nabikuremesheje igihe nagira nje i Masedwane, nsubiye kukuremesha kuguma i Efeso kugira utegeke bamwebamwe kutigisha izindi nyigisho 4 no kutumviriza inkuru z’ibinyoma+ n’ivyo kurondera amamuko. Ivyo bintu nta kintu c’akamaro bivamwo+, ahubwo bituma abantu bavuga ibintu badafitiye ivyemeza aho kuvuga ibintu bivuye ku Mana bijanye n’ukwizera. 5 Mu vy’ukuri igituma ndagusavye gukora ivyo bintu*, ni ukugira ngo tugire urukundo+ ruva ku mutima udahumanye, kw’ijwi ryiza ryo mu mutima no ku kwizera+ kutagira ubwiyorobetsi. 6 Hari abahevye ivyo bintu, barata inzira baja mu biyago bitagira akamaro+. 7 Bashaka kuba abigisha+ b’amategeko y’Imana* kandi badatahura ivyo bavuga canke ivyo bemeza bashimitse.
8 Turazi rero yuko amategeko ari meza iyo umuntu ayakoresheje neza*, 9 atahura yuko atashiriweho abakora ibigororotse, ahubwo ko yashiriweho abantu batubaha amategeko+ kandi b’abagarariji, abatubaha Imana kandi b’abacumuzi, abantu b’ibihemu* kandi batubaha ibintu vyeranda, abica ba se na ba nyina, abica abandi bantu, 10 abasambanyi*, abagabo basambana* n’abandi bagabo, abanyuruza abantu, ababeshi, abarahira ibinyoma, n’abakora ibindi bintu vyose biteye kubiri na ya nyigisho ngirakamaro*+. 11 Iyo nyigisho irahuye n’inkuru nziza y’agatangaza najejwe+ iva kuri ya Mana ihimbawe.
12 Ndashimira Kristu Yezu Umukama wacu, we yampaye ububasha, kuko yamfashe nk’umwizigirwa akanshinga igikorwa ceranda*+, 13 naho kera navuga nabi Imana*, ngahama abantu bayo, nkaba n’umuntu atisonera+. Yamara rero, naragiriwe imbabazi kuko nabikoze kubera ukutamenya no kubera ntagira ukwizera. 14 Mugabo ubuntu buhebuje Umukama yangiriye ntibugira uko bungana. Nararonse n’ukwizera be n’urukundo rwa Kristu Yezu. 15 Iri jambo ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose: Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi+. Muri abo jewe ndi agahebuza+. 16 Yamara rero, naragiriwe imbabazi kugira ngo biciye kuri jewe gahebuza, Kristu Yezu yerekane ukwihangana kwiwe kwose, ngo mbere akarorero abazomwizera kugira baronke ubuzima budahera+.
17 Wa Mwami w’ibihe bidahera+ rero, umwe adapfa*+, ataboneka+, we Mana yonyene+, nahabwe iteka n’ubuninahazwa gushika ibihe bidahera. Amen.
18 Mwananje Timoteyo, ndagusavye gukora ivyo bintu* nisunze ubuhanuzi bwavuzwe ku bikwerekeye, kugira bugufashe kubandanya urwana intambara nziza+, 19 ufise ukwizera n’ijwi ryiza ryo mu mutima+, iryo bamwe bashibuye bigatuma ukwizera kwabo gusaba nk’ubwato. 20 Himenayo+ na Alegizandere bari muri abo, kandi narabahereje Shetani+ kugira batozwe indero, bigishwe kudatuka Imana*.