Ni izaburi ya Dawidi, igihe yigira umusazi+ imbere ya Abimeleki, bigatuma amwirukana, akagenda.
א [ʼAlefu]
34 Nzohezagira Yehova ibihe vyose+;
Ishemezo ryiwe rizokwama mu kanwa kanje+.
ב [Beti]
2 Umutima wanje uzokwirata muri Yehova+;
Abatekereza bazokwumva banezerwe+.
ג [Gimelu]
3 Yoo! nimuninahaze Yehova hamwe nanje+,
Dushirane hejuru izina ryiwe+!
ד [Daleti]
4 Narasiguje Yehova, na we aranyishura+,
Andokora mu binca ivutu vyose+.
ה [Heʼ]
5 Baramwitegereje, barakayangana+,
Mu maso habo ntihoshobora kumaramara+.
ז [Zayini]
6 Uyu murushwa yarahamagaye, Yehova ubwiwe arumva+.
Yaramukijije amarushwa yiwe yose+.
ח [Heti]
7 Umumarayika wa Yehova akambitse irya n’ino y’abatinya Imana+,
Kandi arabakiza+.
ט [Teti]
8 Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe+;
Hahiriwe umuntu w’umugabo ahungira muri we+.
י [Yodi]
9 Nimutinye Yehova, yemwe beranda biwe+,
Kuko abamutinya ata co babura+.
כ [Kafu]
10 Intambwe z’imikangara z’imigāra ubwazo zaraburaniwe zirasonza+;
Yamara abarondera Yehova bobo, nta kintu ciza bazobura+.
ל [Lamedi]
11 Nimuze, bana, munyumvirize+;
Ugutinya Yehova ni kwo nzobigisha+.
מ [Memu]
12 Ni nde muntu ahimbarwa n’ubuzima+,
Akunda imisi ihagije ngo abone iciza+?
נ [Nuni]
13 Zigama ururimi rwawe ururinde ikibi+,
N’iminwa yawe uyirinde kuvuga ivy’ubuhendanyi+.
ס [Sameki]
14 Nureke ikibi, ukore iciza+;
Rondera amahoro, uyakurikirane+.
ע [ʽAyini]
15 Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi+,
Kandi amatwi yiwe ari ku gutabaza kwabo+.
פ [Peʼ]
16 Amaso ya Yehova arwanya abakora ikibi+,
Kugira abarandure ntibabe bakivugwa kw’isi+.
צ [Tsade]
17 Bararize, Yehova na we ubwiwe arumva+,
Arabarokora abakiza amarushwa yabo yose+.
ק [Kofu]
18 Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse+;
Kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza+.
ר [Reshi]
19 Ivyago vy’umugororotsi ni vyinshi+,
Yamara Yehova aramurokora akabimukiza vyose+.
ש [Shini]
20 Arinda amagufa yiwe yose;
Nta na rimwe muri yo ryavunywe+.
ת [Tau]
21 Ivyago bizokwica umubisha+;
Kandi abanka umugororotsi bazoharurwako icaha+.
22 Yehova acungura ubuzima bw’abasavyi biwe+;
Kandi nta n’umwe mu bahungira muri we azoharurwako icaha+.