Ni zaburi ya Dawidi. Ijanye n’igihe yigira umusazi+ imbere ya Abimeleki, na we agaca amwirukana akagenda.
א [Alefu]
34 Nzoshemeza Yehova ibihe vyose.
Nzokwama ndamushemeza n’akanwa kanje.
ב [Beti]
2 Nzokwama nirata kubera Yehova+.
Abitonda bazovyumva banezerwe.
ג [Gimelu]
3 Nimuninahaze Yehova hamwe nanje+.
Nimuze duhayagize izina ryiwe!
ד [Daleti]
4 Narasiguje Yehova, na we aranyishura+.
Yarankijije ivyari binteye ubwoba vyose+.
ה [He]
5 Abamwitegereje barakayanganye mu maso.
Ntibazokwigera bamaramara.
ז [Zayini]
6 Uyu murushwa yaratabaje, Yehova aramwumva.
Yaramurokoye mu marushwa yiwe yose+.
ח [Heti]
7 Umumarayika wa Yehova akikuje abatinya Imana+,
kandi arabarokora+.
ט [Teti]
8 Nimuhonje mwumve ingene Yehova aryoshe+.
Hahiriwe umuntu amuhungirako.
י [Yodi]
9 Nimutinye Yehova yemwe beranda biwe mwese,
kuko abamutinya ata co bigera babura+.
כ [Kafu]
10 Mbere n’intambwe zikomeye zoshobora kwicwa n’inzara,
ariko abarondera Yehova nta ciza na kimwe bigera babura+.
ל [Lamedi]
11 Nimuze bane banje munyumvirize.
Nzobigisha gutinya Yehova+.
מ [Memu]
12 Ni nde muri mwebwe yipfuza guhimbarwa mu buzima
no kwiberaho igihe kirekire ahimbawe+?
נ [Nuni]
13 Narinde rero ururimi rwiwe kuvuga ibibi+,
n’iminwa yiwe ayirinde kuvuga ibinyoma+.
ס [Sameki]
14 Nareke ikibi, akore iciza+.
Narondere amahoro, ayakurikirane+.
ע [Ayini]
15 Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi+,
kandi amatwi yiwe arumva ugutabaza kwabo+.
פ [Pe]
16 Ariko Yehova arwanya abakora ibibi,
kugira abarandure ntibasubire kwibukwa kw’isi+.
צ [Tsade]
17 Abagororotsi baratabaje kandi Yehova yarabumvise+,
maze abakiza amarushwa yabo yose+.
ק [Kofu]
18 Yehova ari hafi y’abavunitse umutima+.
Akiza abadendebukiwe mu mutima+.
ר [Reshi]
19 Ibigeragezo vy’umugororotsi ni vyinshi+,
ariko Yehova arabimukiza vyose+.
ש [Shini]
20 Azigama amagufa yiwe yose,
nta na rimwe muri yo bavunye+.
ת [Tau]
21 Ababisha bazokwicwa n’ivyago.
Abanka umugororotsi bazokwagirwa n’icaha.
22 Yehova acungura ubuzima bw’abasavyi biwe.
Mu bamuhungirako nta n’umwe azokwagirwa n’icaha+.