Luka
19 Nuko yinjira i Yeriko+, akaba yariko ahaca arengana. 2 Ng’aho hari umugabo yitwa Zakayo; kandi yari umukuru w’abatozakori, akaba yari atunze. 3 Na we yariko arondera kubona+ uwo Yezu uwo ari we, mugabo ntiyabishobora kubera isinzi, kuko yari mugufi. 4 Nuko arirukanga imbere, yurira igiti c’umusukomora kugira ngo amubone, kubera ko yagira ace muri iyo nzira. 5 Yezu ageze nya hantu, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, nyarutsa wururuke, kuko uno musi ntegerezwa kurara mu nzu iwawe.” 6 Aca aranyarutsa arururuka, amwakira iwe anezerewe. 7 Mugabo babibonye, batangura kuvugira mu ntamatama bose+ bati: “Ku muntu w’umucumuzi ni ho yinjiye kurara.” 8 Mugabo Zakayo arahaguruka, abwira Umukama ati: “Ehe ica kabiri c’ivyo ntunze, Mukama, ngira ndagihe aboro, kandi ico cose nanyaze uwo ari we wese mu kumwagiriza ibinyoma+, ngira ndagisubize incuro zine+.” 9 Yezu aca amubwira ati: “Uno musi ubukiriro bwaje kuri iyi nzu, kubera ko na we nyene ari umwana wa Aburahamu+. 10 Kuko Umwana w’umuntu yaje kurondera no gukiza icatakaye+.”
11 Bariko barumviriza ivyo bintu, yongerako ikigereranyo, kubera ko yari hafi ya Yeruzalemu, bakaba bariko biyumvira yuko ubwami bw’Imana bwagira bwibonekeze ako kanya nyene+. 12 Nuko rero avuga ati: “Umuntu umwe wo mu muryango uhambaye yafashe urugendo aja mu gihugu ca kure kwihesha ububasha bwa cami agaheza akagaruka+. 13 Ahamagara cumi mu bashumba biwe abaha imina cumi, ababwira ati: ‘Mucuruze kugeza nje+.’ 14 Mugabo abanyagihugu bagenziwe bari bamufitiye urwanko+; nuko batuma umugwi w’ababaserukira inyuma yiwe, kuvuga uti: ‘Ntidushaka ko uwo muntu atubera umwami+.’
15 “Amaherezo aho agarukiye amaze kwihesha ububasha bwa cami, ategeka ko bamuhamagarira abo bashumba yari yahaye amafeza, kugira ngo amenye ico bari bungutse mu rucuruza+. 16 Maze uwa mbere araza, avuga ati: ‘Mukama, imina yawe yungutse imina cumi+.’ 17 Nuko amubwira ati: ‘Wakoze neza, mushumba mwiza! Ko werekanye ko uri umwizigirwa mu kintu gitoyi cane, nugire ububasha ku bisagara cumi+.’ 18 Uwa kabiri araza, avuga ati: ‘Imina yawe, Mukama, yavuyemwo imina zitanu+.’ 19 Abwira n’uyo ati: ‘Na wewe nyene, nugabe ibisagara bitanu+.’ 20 Mugabo uwundi araza, avuga ati: ‘Mukama, ng’iyi imina yawe, iyo nagumije ibitswe mu mpuzu. 21 Urabona, naragutinye, kuko uri umuntu akara; utora ivyo utabikije kandi ugashwabura ivyo utabivye+.’ 22 Amubwira ati: ‘Ngucira urubanza ku bivuye mu kanwa kawe bwite+, wa mushumba mubi we! Wari uzi rero yuko ndi umuntu akara, ntora ivyo ntabikije, ngashwabura ivyo ntabivye+? 23 Kubera iki none utashize amafeza yanje muri banki? Maze nshitse nari kuyegeranya kumwe n’inyungu+.’
24 “Aca abwira abari bahagaze ng’aho ati: ‘Mwake iyo mina muyihe umwe afise imina cumi+.’ 25 Mugabo bamubwira bati: ‘Mukama, afise imina cumi!’— 26 ‘Ndabibabwiye: Uwo wese afise, azokwongerwa; mugabo uwudafise, n’ico afise azocakwa+. 27 Vyongeye, abo bansi banje batashatse yuko ndababera umwami nimubazane ng’aha mubicire imbere yanje+.’ ”
28 Nuko, amaze kuvuga ivyo bintu, abandanya urugendo, aduga i Yeruzalemu+. 29 Ageze hafi y’i Betifage n’i Betaniya ku musozi witwa umusozi w’Imyelayo+, atuma babiri mu bigishwa+, 30 avuga ati: “Nimugende muri kiriya kigwati mubona, hanyuma mumaze kwinjira, murahasanga umwana w’indogobwa uziritse, ata muntu n’umwe arigera yicarako. Muwuziture, muwuzane+. 31 Mugabo nihagira uwubabaza ati: ‘Kubera iki muwuzitura?’ Muvuge muti: ‘Umukama arawukeneye+.’ ” 32 Nuko abatumwe baragenda, babisanga nk’uko yababwiye+. 33 Mugabo bariko barazitura nya mwana w’indogobwa, benewo bababwira bati: “Kubera iki muzitura uwo mwana w’indogobwa+?” 34 Bavuga bati: “Umukama arawukeneye+.” 35 Nuko bawushira Yezu, hanyuma bawutererako impuzu zabo zo hejuru maze bashira Yezu kuri wo+.
36 Uko yigira imbere+, baguma basasa mu nzira impuzu zabo zo hejuru+. 37 Agishika hafi y’inzira imanuka ivuye ku musozi w’Imyelayo, abigishwa indiri bose batangura kunezerwa no gushemeza Imana n’ijwi rirenga ku bikorwa vy’ububasha vyose bari babonye+, 38 bavuga bati: “Arahezagiwe Uwuje bwa Mwami mw’izina rya Yehova+! Amahoro mw’ijuru, n’ubuninahazwa ahantu hari hejuru ya hose+!” 39 Ariko bamwe mu Bafarizayo bari muri iryo sinzi bamubwira bati: “Mwigisha, hambarira abigishwa bawe+.” 40 Mugabo yishura ati: “Ndabibabwiye: Hamwe aba boguma bacereje, amabuye+ yosemerera.”
41 Maze yegereye Yeruzalemu, abona ico gisagara arakiririra+, 42 avuga ati: “Iyo wewe uza kumenya+ uno musi ibijanye n’amahoro—mugabo ubu bihishijwe amaso yawe+. 43 Kubera ko imisi izoza kuri wewe aho abansi bawe bazokwubaka hirya no hino yawe igihome+ c’ibisonga+, kandi bazogukikuza+ bagusugereze+ impande zose, 44 bagutsinde hasi wewe n’abana bawe bari muri wewe+, kandi ntibazosiga ibuye na rimwe rigeretse ku rindi+ muri wewe, kuko utamenye igihe c’ukugendurwa kwawe+.”
45 Hanyuma yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abariko baragurisha+, 46 ababwira ati: “Vyanditswe ngo: ‘Kandi inzu yanje izoba inzu yo gusengeramwo+,’ mugabo mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+.”
47 Ikigeretseko, yarigisha ku musi ku musi mu rusengero. Mugabo abakuru b’abaherezi n’abanditsi n’abantu bakurubakuru bo muri ico gisata bariko barondera kumwica+; 48 yamara rero ntibaronka ikintu nyaco bari bukore, kuko abantu bose uko bangana baguma bamwumiyeko ngo bamwumve+.