Ngoma za kabiri
4 Maze akora igicaniro+ c’umujumpu gifise uburebure bw’intambwe* 20, ubwaguke bw’intambwe 20 n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe 10.
2 Ashongesha ubutare bw’umujumpu, akora igitangi kimeze nk’umuzingi citwa Ikiyaga+. Kuva ku mbiga imwe gushika ku yindi cari gifise intambwe 10. Uburebure bwaco bw’amahagarara bwari intambwe 5. Kugikikuza cose vyasaba umugozi w’intambwe 30+. 3 Munsi y’imbiga z’ico gitangi, hose hari hakikujwe n’udusharizo tumeze nk’imyungu+. Hagati y’intambwe n’iyindi hari udusharizo cumi. Twari dutonze mu mirongo ibiri kandi twakoranywe n’ico gitangi mu butare bushongeshejwe. 4 Ico gitangi cari gihagaze ku mpfizi 12+. Zitatu zaraba mu buraruko, zitatu zikaraba mu burengero, zitatu mu bumanuko, zindi zitatu mu buseruko. Izo mpfizi zarahana imigongo, ico gitangi na co kikaba hejuru yazo. 5 Intimbatimba yaco yangana n’ubwaguke bw’ikiganza*. Cari gifise umunwa nk’uw’igikombe, umeze nk’ishurwe ry’ilisi. Cajamwo amazi angana n’ingero zitwa bati 3.000*.
6 Akora n’ibibesani cumi, ashira bitanu iburyo na bitanu ibubamfu+. Ivyo bibesani ni vyo bakoresha mu kwoza no mu kurongorora ibintu vyakoreshwa mu gutanga ishikanwa riturirwa+. Mugabo amazi yo muri ca gitangi citwa Ikiyaga ni yo abaherezi bakoresha mu kwiyoza+.
7 Maze akora ibintu cumi vy’inzahabu baterekako amatara+, yisunze umugero yahawe+. Araheza abishira mu rusengero, bitanu iburyo na bitanu ibubamfu+.
8 Akora n’imeza cumi azishira mu rusengero, zitanu iburyo na zitanu ibubamfu+. Hanyuma akora amabakure 100 y’inzahabu.
9 Hanyuma atunganya ikigo+ c’abaherezi+ n’ikigo kinini+. Akora n’imiryango ya nya kigo kinini, ayihomekako umujumpu. 10 Ca gitangi citwa Ikiyaga agishira iburyo, amaja mu bumanuko bushira ubuseruko+.
11 Hiramu akora n’utudobo, ibipawa n’amabakure+.
Nuko arangiza ibintu umwami Salomo yamusavye gukora bijanye n’inzu y’Imana y’ukuri+. Ni vyo vy’ibi: 12 za nkingi zibiri+ na vya bintu bimeze nk’ibikono vyari hejuru yazo, twa tuntu tubiri tumeze nk’urusenga+ twari dukikuje ivyo bikono bibiri, 13 na ya makomamanga 400+ yari kuri za nsenga zibiri atonze mu mirongo ibiri kuri buri rusenga. Ayo makomamanga yari ayo gupfuka ivyo bikono bibiri vyari hejuru kuri izo nkingi+. 14 Yakoze na ya mashareti* cumi na vya bibesani cumi vyari kuri yo+, 15 ca gitangi citwa Ikiyaga na za mpfizi 12 zari munsi yaco+, 16 twa tudobo, vya bipawa, ya makanya+ n’ibindi bikoresho vyose Hiramu-Abi*+ yakoreye umwami Salomo ku bw’inzu ya Yehova. Yabikoze mu mujumpu usenye. 17 Umwami yabikoresheje mu maforoma y’ibumba basukamwo ubutare bashongesheje. Vyakorewe mu karere ka Yorodani, hagati y’i Sukoti+ n’i Sereda. 18 Ivyo bikoresho vyose Salomo yakoze vyari vyinshi cane. Ntiyapimye n’uburemere bw’ubutare bw’umujumpu bakoresheje+.
19 Nuko Salomo akora ibikoresho+ vyose vy’inzu y’Imana y’ukuri: igicaniro c’inzahabu+, imeza+ zashirwako imikate y’ishikanwa+, 20 n’ivyo baterekako amatara n’amatara yavyo bikozwe mu nzahabu itavanze+. Ayo matara yakira imbere y’icumba c’ahiherereye nk’uko vyasabwa. 21 Akora n’amashurwe, amatara n’udupensi*, vyose abikora mu nzahabu, emwe inzahabu itavanze na gato. 22 Akora n’udukasi*, amabakure, ibikombe, udupanu tujamwo umuriro, vyose abikora mu nzahabu itavanze. Akora n’ubwinjiriro bwa nya nzu n’imiryango y’indani y’Aheranda cane+ n’imiryango y’Aheranda*. Vyose yabikoze mu nzahabu+.