Yesaya
25 Ewe Yehova, uri Imana yanje.
Ndaguhaya ngashemeza izina ryawe,
kuko wakoze ibintu vy’agatangaza+,
Warabishikije, werekana ko uri umwizigirwa+.
2 Kuko igisagara wagihinduye ikirundo c’amabuye,
igisagara gikingijwe ibihome ugihindura ibihomvagurike gusa.
Umunara w’abanyamahanga ntukiri igisagara.
Ntuzopfa usubiye kwubakwa.
4 Kuko umuntu mutoyi wamubereye igihome gikomeye kimukingira,
n’umworo umubera igihome gikomeye mu marushwa yiwe+,
ubuhungiro bwo kwikinga imvura y’igihuhusi,
n’igitutu co kwikinga ubushuhe+.
Igihe impemu z’abatwaza umukazo zibaye nk’imvura y’igihuhusi yisuka ku ruhome,
5 nk’ubushuhe mu gihugu kigadutse,
uranumya urwamo rw’abanyamahanga.
Indirimbo y’abatwaza umukazo warayinumije
nka kurya igitutu c’igicu gicuvya ubushuhe.
6 Kuri uyu musozi+, Yehova Nyeningabo azotegurira amahanga yose
inzimano y’ibifungurwa vyizavyiza+
n’umuvinyu uryoshe*,
inzimano y’ibifungurwa vyizavyiza vyuzuye umusokoro
n’umuvinyu uryoshe umiminye.
7 Kuri uyu musozi azokuraho* ikintu gitwikiriye abantu bose
n’igitambara* kijishe gipfutse amahanga yose.
Agacokoro abantu biwe bacokowe azogakuraho kw’isi yose,
kuko Yehova ubwiwe abivuze.
9 Kuri uwo musi bazovuga bati:
«Raba! Iyi ni yo Mana yacu+.
Uyu ni Yehova.
Twaramwizigiye.
Tunezerwe duhimbarwe kubera ubukiriro atanga+.»
10 Kuko ukuboko kwa Yehova kuzoguma kuri uyu musozi+,
kandi Mowabu izohonyangirwa aho iri+
nk’uko ivyatsi* bihonyangirwa mu kirundo c’intabire.
11 Azosanza amaboko akubite Mowabu
nka kurya uwoga mu mazi menshi asanza amaboko akubita amazi.
Azokoresha amaboko yiwe ku buhinga,
ashire hasi ubwibone bwa Mowabu+.
12 Igisagara cawe gikingijwe ibihome vy’umutekano,
azogisenyurira hasi.
Azogisambura gushika hasi mu mukungugu.