Yesaya
24 Raba! Yehova agira acuranure igihugu* akigire umusaka+.
Agira acubike*+, abakibamwo abashwiragize+.
2 Bizoba cokimwe ku bantu bose:
ku munyagihugu no ku muherezi,
ku musuku no kuri shebuja,
ku musukukazi no kuri inabuja,
ku wugura no ku wudandaza,
ku wutiza no ku wutira,
ku wutanga ingurane no ku wuyihabwa+.
4 Igihugu kiragandaye*+, kirayamye.
Ubutaka bwimbuka burakabiranye, buratitutse.
Abanyacubahiro bo mu gihugu basigaye ari goyigoyi.
Ni co gituma ababa mu gihugu bagabanutse,
hagasigara bake cane+.
7 Umuvinyu mushasha uragandaye*, n’umuzabibu wakabiranye+.
Abari bahimbawe ku mutima bose bariko baraniha+.
8 Umunezero w’utugoma waheze,
n’urwamo rw’abanyabirori bidagadura rwahagaze.
Ijwi riteye umunezero ry’inanga ntiricumvikana+.
9 Banywa umuvinyu bataririmba.
Abanywa inzoga bumva irura.
11 Abantu baraboroga mu mabarabara kubera babuze umuvinyu.
Akanyamuneza kose kahise,
n’umunezero wahafashe+.
13 Kuko uku ari ko bizomera mu gihugu no mu mahanga:
bizomera nk’igihe bahunguruye* igiti c’umwelayo+,
nk’igihe iyimbura ry’inzabibu rirangiye hagasigara utwo batoragura+.
14 Bazoduza ijwi,
bihe akamo k’umunezero.
Bazomenyekanisha ubukuru bwa Yehova bari mu kiyaga*+.
15 Ni co gituma bazoninahaza Yehova mu karere k’umuco*+,
baninahaze izina rya Yehova Imana ya Isirayeli mu mazinga yo mu kiyaga+.
16 Twumva indirimbo ziva ku mpera z’isi zivuga ngo:
«Wa Mugororotsi nahabwe ubuninahazwa*+!»
Mugabo mvuga nti: «Ndayamye, ndayamye!
Ewe jewe ndagowe! Ibihemu vyahemutse.
Ibihemu vyahemutse n’ubuhemu n’akantu+.»
17 Kuranduka umutima, imyobo n’imitego ni vyo bikurindiriye, wewe uba mu gihugu+.
18 Uwo wese azohunga urwamo rurandura umutima azogwa mu kinogo,
uwuzova mu kinogo na we afatwe n’umutego+.
Kuko ingomero z’iyo hejuru zizokwugururwa,
imishinge y’igihugu na yo itigite.
20 Igihugu kigenda cicako nk’imborerwa,
kigahungabana nk’akaruri gakubiswe n’umuyaga.
Igicumuro caco cakiremereye+.
Igihugu kizogwa ku buryo kitazokwongera kuvyuka.
21 Kuri uwo musi Yehova azokwitaho ivy’ingabo z’iyo hejuru
n’ivy’abami bo hasi kw’isi.
22 Bazokoranirizwa hamwe
nk’uko imbohe zikoranirizwa mu cobo,
bugaranirwe mu gasho.
Inyuma y’imisi myinshi bazokwitabwaho.