ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 15:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ni imana iyihe imeze nkawe ga Yehova+?

      Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko uri mweranda bihebuje+?

      Wewe ukwiye gutinywa no gushemezwa, wewe ukora ibitangaza+.

  • Ezira 9:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, uragororotse+, kuko wazigamye bamwe muri twebwe gushika n’uyu musi. Ehe turi imbere yawe n’ivyaha vyacu vyose. Turavye uko bingana, nta burenganzira twari dufise bwo guhagarara imbere yawe+.»

  • Zaburi 145:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  7 Nibibuka ukumera neza kwawe kwinshi, bazogushemeza bisubiriza+,

      kandi bazovuza akaruru k’umunezero kubera ubugororotsi bwawe+.

  • Ivyahishuwe 15:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ umusavyi w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bavuga bati:

      «Ewe Yehova* Mana Mushoboravyose+, ibikorwa vyawe+ birakomeye kandi ni agatangaza. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika