Yesaya
35 Ubugaragwa n’igihugu kigadutse bizokwigina+,
kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’amashurwe yitwa habaseleti+.
Abantu bazobona icubahiro ca Yehova, ubwiza buhebuje bw’Imana yacu.
4 Nimubwire abari n’amaganya mu mutima muti:
«Nimukomere. Ntimutinye.
Raba! Imana yanyu izoza kwihora.
Imana izoza gutanga igihano+.
Izoza ibakize+.»
Amazi azokwiburuka mu bugaragwa,
n’inzuzi zitembe mu kiyaya c’ubugaragwa.
7 Ubutaka bwumishijwe n’ubushuhe buzocika ikidengeri cuzuyeko amarenga,
ubutaka bunyotewe bucike amasoko y’amazi+.
Aho imbwebwe zaba, aho zaruhukira+,
hazosigara hari ivyatsi bitotahaye, amarenga n’urufunzo.
Uwuhumanye ntazoyicamwo+.
Izocamwo gusa abemerewe kuyigenderamwo.
Nta gipfu kizoyihonyozamwo ikirenge.
9 Nta ntambwe izohabarizwa,
kandi nta bikoko bikaze bizoyizamwo.
10 Abacunguwe na Yehova bazogaruka+ bashike i Siyoni n’akamo k’umunezero+.
Bazoba bambaye ku mutwe urugori rw’umunezero udahera+.
Bazokwigina banezerwe,
kandi intuntu n’ukuniha bizohunga+.