Yesaya
9 Ariko rero, umuzimagiza ntuzoba nk’igihe igihugu cari mu magorwa, nk’igihe ca kera aho akarere ka Zabuloni n’aka Nafutali twakengerwa+. Mu nyuma izotera iteka ya nzira y’iruhande y’ikiyaga, akarere ka Yorodani, Galilaya y’amahanga.
2 Abantu bahora bagendera mu mwiza
babonye umuco mwinshi.
3 Wagwije ihanga,
utuma umunezero waryo uba mwinshi.
Banezererwa imbere yawe
nk’uko abantu banezerwa mu gihe c’iyimbura,
nk’uko abantu banezerwa igihe bagabura isahu.
4 Kuko wajanjaguye igiti bikoreza imizigo*,
inkoni bakubitwa ku bitugu, n’ikibando c’ababakoresha ibikorwa
nka ca gihe Midiyani yatsindwa+.
5 Ibotine yose y’uwunyiganyiza isi mu gutambuka
n’impuzu yose yajobetswe mu maraso,
bizoturirwa n’umuriro kurya kw’inkwi.
Azokwitwa Umujanama w’agatangaza+, Imana ikomeye+, Data ahoraho, Umutware w’amahoro.
7 Ubutware* bwiwe buzokwira hose,
kandi amahoro ntazogira iherezo+
ku ntwaro* ya Dawidi+ no mu bwami bwiwe.
Buzokomezwa+ bushigikirwe
biciye ku butungane+ n’ubugororotsi+,
kuva ubu no gushika ibihe bidahera.
Umwete wa Yehova Nyeningabo ni wo uzobikora.
9 Abantu bose bazobimenya,
ni ukuvuga Abefurayimu n’ababa i Samariya,
bavugana ubwibone n’ukutisonera mu mutima bati:
Ibiti vy’imisukomora vyariciwe,
mugabo tuzobisubiriza amasederi.»
11 Yehova azohagurutsa abarwanya Rezini,
atume abansi biwe bamutera.
12 Siriya izozanana mu buseruko, Abafilisitiya na bo mu burengero*+.
Bazokwasamika cane umunwa bamire Isirayeli+.
Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,
ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana+.
15 Umutwe ni umuntu w’umushingantahe yubahwa cane,
umurizo na wo ni umuhanuzi atanga inyigisho y’ikinyoma+.
16 Abayobora aba bantu batuma bangara,
kandi abayoborwa barabura iyo bava n’iyo baja.
17 Ni co gituma Yehova atazonezererwa imisore yabo,
kandi ntazogirira akagongwe impfuvyi* zabo n’abapfakazi babo,
kuko bose bahevye Imana* bakaba n’inkozi z’ikibi+,
kandi bose bavuga ivy’ubupfu.
Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,
ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana+.
18 Kuko ububisha bururumba nk’umuriro,
bugaturira ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi.
Buzokwatsa umuriro mu bisaka bizitanye vy’ishamba,
biduge ari umwotsi umeze nk’igicu.
19 Kubera ishavu ryinshi rya Yehova Nyeningabo
igihugu cadometswe,
kandi abantu bazocika nk’inkwi zo gucana umuriro.
Nta n’umwe azokwumvira akagongwe na mwenewabo.
Bazorwaniriza hamwe Ubuyuda+.
Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,
ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana+.