Hoseya
Yaradukubise, ariko azotubika ibikomere vyacu.
2 Haciye imisi ibiri, azotugarurira utuguvu.
Ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa,
dusubire tubeho imbere yiwe.
3 Tuzomenya Yehova, tuzokwihatira kumumenya vy’ukuri.
Azoza ata gisivya nka kurya nyene umutwenzi utareka kuza.
Azotuzako nka kurya kw’akavura kanyanyaga,
nka kurya kw’imvura y’impeshi inywesha isi.»
4 «Ewe Efurayimu, mbega ndakugire gute?
Ndakugire gute ga Yuda?
Kuko urukundo* rwanyu rumeze nk’ibicu vyo mu gitondo,
nk’urume rukamangana mu kanya isase.
kandi imanza nabaciriye zizokayangana nk’umuco+.
6 Kuko urukundo* ari rwo rumpimbara, si ibimazi,
kandi ukumenya Imana ni kwo kumpimbara, si amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.
7 Ariko bo barahonyanze isezerano ryanje+ nk’umuntu buntu.
Aho nyene ni ho bampemukiriye.
9 Abaherezi bameze nk’akagwi k’abambuzi kabundiye umuntu.
Bicira abantu kw’ibarabara hafi y’i Shekemu+,
kuko inyifato yabo iteye isoni.
10 Narabonye ikintu c’agahomerabunwa mw’ihanga rya Isirayeli.