Abanyefeso
3 Kubera ivyo, jewe Paulo, imbohe+ ya Kristu Yezu ku bwanyu, mwebwe abanyamahanga+... 2 nimba vy’ukuri mwarumvise ivyerekeye ububwiriza+ bw’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ubwo nahawe ku neza yanyu, 3 yuko biciye ku guhishurirwa ari ho namenyeshejwe ibanga ryeranda+, nk’uko navyanditse muri make imbere y’aha. 4 Turavye ivyo, nimwasoma ibi murashobora kwibonera ugutegera+ mfise mw’ibanga ryeranda+ rya Kristu. 5 Mu yandi mayaruka iryo banga+ ntiryamenyeshejwe abana b’abantu nk’uko ubu ryahishuriwe+ intumwa nyeranda zayo n’abahanuzi+ biciye ku mpwemu, 6 ari ryo ry’uko abanyamahanga bobaye ba samuragwa mu bandi bakaba n’ibihimba bisangiye umubiri+ be n’abasangira natwe wa muhango+ mu bumwe na Kristu Yezu biciye ku nkuru nziza. 7 Nabaye umusuku+ w’ivyo nk’uko ya ngabirano ya gusa iri, imwe y’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ubwo nahawe hisunzwe ukuntu ububasha bwayo bukora+.
8 Jewe, umuntu ari hasi y’uwo hasi+ y’aberanda bose, narahawe ubuntu ata wari abukwiriye+, kugira menyeshe amahanga+ inkuru nziza yerekeye ubutunzi+ budashobora kugerwa bwa Kristu 9 no kugira ngo mfashe abantu kubona ingene ibanga ryeranda+ riyoborwa+, iryahishijwe mu Mana mu gihe kitagira urugero caheze, yo yaremye ibintu vyose+. 10 Ivyo vyabaye kugira ngo ubu, biciye kw’ishengero+, intwaro be n’ubukuru+ biri mu bibanza vyo mw’ijuru bimenyeshwe ubukerebutsi bw’Imana bw’uburyo bwinshi cane+, 11 hisunzwe ya ntumbero y’ibihe bidahera yatunganije ku bijanye na Kristu+, ari we Yezu Umukama wacu, 12 biciye kuri we tukaba dufise uyu mwidegemvyo wo kuvuga kandi tugashobora kwegera Imana+ ata mazinda, tubihawe n’ukwizera dufise muri we. 13 Ni co gituma ndabasaba kudateshwa ngo mute bitumwe n’aya makuba+ ndimwo ku bwanyu, kuko aya asobanura ubuninahazwa kuri mwebwe.
14 Ku bw’ivyo, ndapfukamira+ Data+, 15 umwe umuryango+ wose mw’ijuru no kw’isi ukesha izina ryawo+, 16 kugira ngo, nk’uko ubutunzi+ bw’ubuninahazwa bwiwe buri, abahe kuba abakomeye mu muntu muri imbere+ n’ububasha biciye ku mpwemu yiwe+, 17 ngo Kristu acumbike mu mitima yanyu biciye ku kwizera kwanyu, mu rukundo+; ngo mube abashinze imizi+ kandi bahamangiwe ku mushinge+, 18 ngo mubone gushobora rwose gutegera neza+ hamwe n’aberanda bose ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’amahagarara n’ubwimbike+, 19 no kumenya urukundo rwa Kristu+ rurengeye ubumenyi, kugira ngo mwuzure ukunengesera+ kwose Imana itanga.
20 Umwe rero ashobora gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira+, nk’uko ububasha bwiwe buriko bukorera+ muri twebwe buri, 21 ubuninahazwa bube ubwiwe biciye kw’ishengero no kuri Kristu Yezu mu mayaruka yose ibihe bitazoshira+. Amen.