Guharura
33 Izi ni zo ngendo Abisirayeli bagize igihe bava mu Misiri+ hakurikijwe imigwi y’ingabo zabo+, bayobowe na Musa na Aroni+. 2 Musa yagenda arandika aho baza barahagarara mu rugendo rwabo, nk’uko Yehova yari yabimutegetse. Izi ni zo ngendo bagize, bava hamwe baja ahandi+: 3 ku musi ugira 15 w’ukwezi kwa mbere+ ni ho bava i Ramesesi+. Ku musi nyene ukurikira Pasika+, basohotse bitekaniye* Abanyamisiri bose babona. 4 Ico gihe Abanyamisiri bariko bahamba imfura zabo zose Yehova yari yishe+, kuko Yehova yari yashikije urubanza yaciriye imana zabo+.
5 Nuko Abisirayeli bava i Ramesesi bakambika i Sukoti+. 6 Hanyuma bava i Sukoti bakambika ahitwa Etamu+ ku rubibe rw’ubugaragwa. 7 Maze bava i Etamu basubira inyuma, bagenda berekeza i Pihahiroti aharabana n’i Bayali-Zefoni+, hanyuma bakambika hafi ya Migidoli+. 8 Hanyuma bava i Pihahiroti, baca hagati mu kiyaga+ berekeza mu bugaragwa+, maze bagira urugendo rw’imisi itatu mu bugaragwa bwa Etamu+, baraheza bakambika i Mara+.
9 Hanyuma bava i Mara baja ahitwa Elimu. Aho i Elimu hariho amariba y’amazi 12 n’ibigazi 70. Nuko bakambika ng’aho+. 10 Mu nyuma bava i Elimu bakambika hafi y’ikiyaga Gitukura. 11 Inyuma y’aho, bava ku kiyaga Gitukura bakambika mu bugaragwa bwa Sini+. 12 Baca bava mu bugaragwa bwa Sini bakambika i Dofuka. 13 Mu nyuma bava i Dofuka bakambika i Alushi. 14 Hanyuma bava i Alushi bakambika i Refidimu+, kandi ng’aho nta mazi yo kunywa yariho. 15 Maze bava i Refidimu bakambika mu bugaragwa bwa Sinayi+.
16 Hanyuma bava mu bugaragwa bwa Sinayi bakambika i Kiburoti-Hatava+. 17 Baca bava i Kiburoti-Hatava bakambika i Hazeroti+. 18 Hanyuma bava i Hazeroti bakambika i Ritima. 19 Baca bava i Ritima bakambika i Rimoni-Peresi. 20 Baraheza bava i Rimoni-Peresi bakambika i Libuna. 21 Hanyuma bava i Libuna bakambika i Risa. 22 Baca bava i Risa bakambika i Kehelata. 23 Maze bava i Kehelata bakambika ku musozi Sheferi.
24 Inyuma y’aho, bava ku musozi Sheferi bakambika i Harada. 25 Hanyuma bava i Harada bakambika i Makeloti. 26 Baca bava+ i Makeloti bakambika i Tahati. 27 Hanyuma bava i Tahati bakambika i Tera. 28 Baca bava i Tera bakambika i Mitika. 29 Mu nyuma bava i Mitika bakambika i Hashimona. 30 Ubukurikira bava i Hashimona bakambika i Moseroti. 31 Baca bava i Moseroti bakambika i Bene-Yakani+. 32 Inyuma y’aho, bava i Bene-Yakani bakambika i Hori-Hagidigadi. 33 Baca bava i Hori-Hagidigadi bakambika i Yotibata+. 34 Hanyuma bava i Yotibata bakambika i Aburona. 35 Baca bava i Aburona bakambika i Eziyoni-Geberi+. 36 Maze bava i Eziyoni-Geberi bakambika mu bugaragwa bwa Zini+, ni ukuvuga i Kadeshi.
37 Mu nyuma bava i Kadeshi bakambika ku musozi Hori+, ku rubibe rw’igihugu ca Edomu. 38 Nuko Aroni umuherezi aduga umusozi Hori nk’uko Yehova yari yabimutegetse, hanyuma apfirayo. Hari mu mwaka ugira 40 Abisirayeli bavuye mu Misiri, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatanu+. 39 Aroni yari afise imyaka 123 igihe yapfira ku musozi Hori.
40 Umwami wa Aradi+, Umunyakanani yaba i Negebu mu gihugu ca Kanani, yumva ko Abisirayeli bariko baraza.
41 Mu nyuma bava ku musozi Hori+ bakambika i Zalumona. 42 Baca bava i Zalumona bakambika i Punoni. 43 Hanyuma bava i Punoni bakambika i Oboti+. 44 Baraheza bava i Oboti bakambika ahitwa Iye-Abarimu, ku rubibe rwa Mowabu+. 45 Mu nyuma bava ng’aho Iyimu* bakambika i Diboni-Gadi+. 46 Baca bava i Diboni-Gadi bakambika i Alumoni-Dibulatayimu. 47 Hanyuma bava i Alumoni-Dibulatayimu bakambika mu misozi ya Abarimu+ hafi ya Nebo+. 48 Amaherezo, bava mu misozi ya Abarimu bakambika mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande ya Yorodani hafi y’i Yeriko+. 49 Nuko babandanya gukambika iruhande ya Yorodani, kuva i Beti-Yeshimoti gushika i Abeli-Shitimu+ mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu.
50 Yehova aca abwira Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande y’uruzi Yorodani hafi y’i Yeriko ati: 51 «Bwira Abisirayeli uti: “Mugira mujabuke Yorodani mwinjire mu gihugu ca Kanani+. 52 Mutegerezwa kwirukana ababa muri ico gihugu bose, mumenagure ibishusho vyabo bikozwe mu mabuye+ no mu vyuma*+, mwongere musambure ibibanza* basengeramwo+. 53 Muzokwigarurira ico gihugu mukibemwo, kuko nzokibaha kikaba rwanyu+. 54 Muzogabura ico gihugu mu miryango yanyu mukoresheje ubupfindo+. Umuryango ugizwe na benshi muzowuha intoranwa nini, uwugizwe na bakeyi na wo muwuhe intoranwa ntoyi+. Ubupfindo ni bwo buzokwerekana intoranwa y’umwumwe wese. Muzoronka amatongo y’intoranwa hisunzwe imiryango ya ba sokuru banyu+.
55 Ariko nimutirukana ababa muri ico gihugu ngo bababise+, abo muzosigaza bazoba nk’ibintu bibazibura mu maso be n’amahwa abazibura mu mbavu. Bazobatoteza mu gihugu muzoba mubamwo+, 56 kandi igihano nari niyumviriye kubaha nzoca ndagiha mwebwe+.”»