ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 3:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Nzoshira urwanko*+ hagati yawe+ na wa mugore+ no hagati y’uruvyaro* rwawe+ n’uruvyaro rwiwe+. Uruvyaro rwiwe ruzogufyonyora* umutwe+, nawe uzorukomeretsa* ku gitsintsiri+.»

  • Luka 10:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Yezu ababwira ati: «Nabonye ko Shetani yamaze gukoroka+ nk’umuravyo ava mw’ijuru.

  • Yohani 8:44
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 44 Mwebwe muva kuri so Shetani*, kandi mushaka gukora ivyo so yipfuza+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango*+, kandi ntiyigeze ashikama mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma+.

  • 1 Yohani 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Uwuguma acumura aba akomoka kuri Shetani*, kuko Shetani yamye acumura kuva mu ntango*+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana aza*: ni ukugira asambure ibikorwa vya Shetani+.

  • Ivyahishuwe 12:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Ca gisato kinini+ rero gikororerwa hasi, ya nzoka yo mu ntango+, iyitwa Mubesheranyi*+ na Shetani+, umwe azimiza isi yose+. Akororerwa kw’isi+, n’abamarayika biwe bakororanwa na we.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika