44 Mwebwe muva kuri so Shetani*, kandi mushaka gukora ivyo so yipfuza+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango*+, kandi ntiyigeze ashikama mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma+.
8 Uwuguma acumura aba akomoka kuri Shetani*, kuko Shetani yamye acumura kuva mu ntango*+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana aza*: ni ukugira asambure ibikorwa vya Shetani+.
9 Ca gisato kinini+ rero gikororerwa hasi, ya nzoka yo mu ntango+, iyitwa Mubesheranyi*+ na Shetani+, umwe azimiza isi yose+. Akororerwa kw’isi+, n’abamarayika biwe bakororanwa na we.