ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 4:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Maze Yezu ayobowe n’impwemu nyeranda, aja mu bugaragwa kugira ageragezwe+ na Shetani*+.

  • Yohani 8:44
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 44 Mwebwe muva kuri so Shetani*, kandi mushaka gukora ivyo so yipfuza+. Uwo yari umwicanyi kuva mu ntango*+, kandi ntiyigeze ashikama mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma+.

  • Abaheburayo 2:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Rero kubera ko abo «bana batoyi» ari abantu b’inyama n’amaraso*, na we nyene yabaye nka bo*+, kugira ngo biciye ku rupfu rwiwe ahindure ubusa umwe afise uburyo bwo guteza urupfu+, ni ukuvuga Shetani*+.

  • Yakobo 4:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Muyobokere Imana+ rero, mugabo murwanye Shetani*+, na we azobahunga+.

  • 1 Petero 5:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso+. Umwansi wanyu Shetani* agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • Injira
Rungika