Matayo
17 Haciye imisi itandatu, Yezu atora Petero, Yakobo na mwenewabo Yohani, abadugana ku musozi muremure ari bonyene+. 2 Aca arahinduka ari imbere yabo, mu maso hiwe harakayangana nk’izuba, impuzu ziwe* na zo zica ibibatsi* nk’umuco+. 3 Ubwo nyene baza babona Musa na Eliya bariko bavugana na we. 4 Petero aca abwira Yezu ati: «Mukama, ni vyiza cane kuba turi ng’aha. Ubishatse, ndashobora kwubaka amahema atatu ng’aha: rimwe ryawe, irindi rya Musa n’irindi rya Eliya.» 5 Akiriko aravuga, igicu gikayangana gica kirabatwikira. Haca humvikana ijwi rivuye muri nya gicu riti: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, uwo nashimye+. Nimumwumvirize+.» 6 Abigishwa biwe bavyumvise, baca bagwa hasi bubamye, batekewe n’ubwoba. 7 Yezu aca arabegera, abakorako maze ababwira ati: «Haguruka. Ntimutinye!» 8 Bunamutse, ntihagira uwundi babona atari Yezu wenyene. 9 Bariko baramanuka uwo musozi, Yezu abategeka ati: «Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, gushika Umwana w’umuntu azuwe mu bapfuye+.»
10 Ariko abigishwa biwe bamubaza bati: «Kubera iki none abanditsi bavuga ko Eliya ategerezwa kubanza kuza+?» 11 Abishura ati: «Eliya vy’ukuri azoza, kandi azosubiza ibintu vyose mu buryo+. 12 Mugabo ndababwiye ko Eliya yamaze kuza ariko ntibamumenye, ahubwo bamukoreye ivyo bishakiye+. Ukwo nyene ni ko bazobabaza Umwana w’umuntu+.» 13 Abigishwa baca batahura ko yariko avuga Yohani Umubatizi.
14 Bashitse iruhande y’isinzi ry’abantu+, umuntu umwe yegera Yezu, aramupfukamira maze amubwira ati: 15 «Mukama, niwumvire akagongwe umwana wanje. Arwaye intandara kandi araremvye. Ziguma zimuta mu muriro no mu mazi+. 16 Namuzaniye abigishwa bawe, ariko ntibashoboye kumukiza.» 17 Yezu aca avuga ati: «Mbega urunganwe* rw’abantu batagira ukwizera kandi bononekaye+! Nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nimumunzanire ng’aha.» 18 Yezu aca akankamira iyo dayimoni, ica iramuvamwo. Ubwo nyene uwo muhungu aca arakira+. 19 Abigishwa baca babaza Yezu mu mwiherero bati: «Kubera iki twebwe tutashoboye kuyirukana?» 20 Abishura ati: «Ni kubera mufise ukwizera guke. Ni ukuri ndabibabwiye, hamwe mwoba mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira uyu musozi muti: “Va ng’aha uje hariya”, kandi wogenda. Nta kintu na kimwe cobananira+.» 21*——
22 Igihe bari bakoraniye hamwe i Galilaya, ni ho Yezu yababwira ati: «Umwana w’umuntu azotangwa mu maboko y’abantu+. 23 Bazomwica, ariko azozurwa ku musi ugira gatatu+.» Abigishwa bica birabababaza cane.
24 Bamaze gushika i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero* begera Petero, bamubaza bati: «Burya umwigisha wanyu arariha ikori ry’urusengero+?» 25 Na we abishura ati: «Egome.» Ariko Petero yinjiye mu nzu, Yezu aramwitanga, amubaza ati: «Uvyibazako iki ga Simoni? Abami b’isi barihisha bande itagisi canke ikori*? Ni abana babo canke ni abandi?» 26 Avuze ati: «Ni abandi», Yezu aca amubwira ati: «Abana babo rero ntibatanga ikori. 27 Ariko kugira ntitubatsitaze+, genda ku kiyaga uterereyo igera. Ifi ya mbere iza gufatwa, uce uyasamika, uraheza usange igiceri c’ifeza* mu kanwa kayo. Uce ugitora hanyuma urihe ikori ryanje n’iryawe.»