Ezira
3 Ukwezi kw’indwi+ kwashitse Abisirayeli baba mu bisagara vyabo. Nuko bakoranira hamwe i Yeruzalemu bahuje inama. 2 Maze Yeshuwa+ mwene Yehozadaki n’abaherezi bagenziwe, hamwe na Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli+ be na benewabo, bajako bubaka igicaniro c’Imana ya Isirayeli. Bacubatse kugira ngo bagishikanireko ibimazi biturirwa, nk’uko vyanditswe mu mategeko ya Musa+ wa muntu w’Imana y’ukuri.
3 Nuko bashira igicaniro aho cahora, naho batinya abantu bo mu bihugu bibanyi+. Baraheza batangura gushikanira Yehova ibimazi biturirwa kuri ico gicaniro, vyaba ivyo mu gitondo canke ivyo ku mugoroba+. 4 Maze bahimbaza umusi mukuru w’insago* nk’uko vyanditswe+. Ku musi ku musi batanga ibimazi biturirwa bingana n’igitigiri casabwa buri musi+. 5 Mu nyuma batanga ishikanwa riturirwa ryamaho+, amashikanwa atangwa ku mboneko z’ukwezi+, ay’imisi mikuru myeranda+ ya Yehova n’amashikanwa abantu bahaye Yehova bavyishakiye+. 6 Kuva ku musi wa mbere w’ukwezi kugira indwi+, batangura gushikanira Yehova ibimazi biturirwa, naho umushinge w’urusengero rwa Yehova utari bwubakwe.
7 Baha amahera abaringaniza amabuye+ n’abanyamyuga b’abahinga+. Vyongeye baha ibiribwa n’ibinyobwa n’amavuta Abanyasidoni n’Abanyatiro, kugira ngo bakure ibiti vy’amasederi i Libani babizane i Yopa+ babicishije mu kiyaga, bisunze uruhusha bari bahawe na Kuro umwami w’Ubuperesi+.
8 Mu kwezi kugira kabiri, mu mwaka ugira kabiri kuva bashitse ku nzu y’Imana y’ukuri i Yeruzalemu, Zerubabeli mwene Shalutiyeli na Yeshuwa mwene Yehozadaki na benewabo, ni ukuvuga abaherezi n’Abalewi hamwe n’abandi bose bari baravuye mu bunyagano bakaza i Yeruzalemu+, batangura igikorwa. Abalewi bafise imyaka 20 kuduga, babazeza ibanga ryo guhagarikira igikorwa co ku nzu ya Yehova. 9 Nuko Yeshuwa n’abahungu biwe na benewabo, na Kadumiyeli n’abahungu biwe, abo bose bakaba bakomoka kuri Yuda*, baja hamwe bahagarikira abakora igikorwa co mu nzu y’Imana y’ukuri. Bafadikanije na bene Henadadi+, abahungu babo na benewabo b’Abalewi.
10 Abubatsi bamaze kwubaka umushinge w’urusengero rwa Yehova+, abaherezi batora inzumbete+ bambaye impuzu zabo, Abalewi bene Asafu na bo batora ivyuma bisama. Bose bava hasi kugira ngo bashemeze Yehova bakurikije ivyo Dawidi umwami wa Isirayeli yashinze+. 11 Nuko batangura kuririmba bahanahana+, bashemeza Yehova bongera bamukengurukira, «kuko ari mwiza, urukundo* afitiye Isirayeli rukaba rwamaho ibihe vyose+.» Abantu bose baca bavuza akaruru n’ijwi rirenga bashemeza Yehova kubera ko umushinge w’inzu ya Yehova wari wubatswe. 12 Igihe umushinge w’iyo nzu wariko urubakwa, benshi mu baherezi n’Abalewi n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli barabibonye, batangura kurira baboroga cane. Bari abatama babonye urusengero rwa kera+. Abandi benshi na bo baciye bashira ijwi hejuru bakoma akaruru k’umunezero+. 13 Abantu ntibashobora gutandukanya ijwi ry’abariko bakoma akaruru k’umunezero n’ijwi ry’abariko bararira, kuko bariko bavuza urwamo rwinshi ku buryo n’abari kure cane barwumva.