Zaburi
2 Ngira nteranure akanwa mvugire mu migani,
nshire ahabona ivyanyegejwe kuva kera+.
3 Ibintu twumvise kandi tuzi,
ivyo basokuru bacu batwiganiye+,
4 ntituzobinyegeza abana babo.
Tuzokwiganira urunganwe* ruzokurikira+
ibikorwa vya Yehova bibereye gushemezwa be n’inkomezi ziwe+,
ibintu vy’agatangaza yakoze+.
5 Yahaye ivyibutswa abakomoka kuri Yakobo,
aha amategeko abakomoka kuri Isirayeli.
Yategetse ba sokuruza bacu
kumenyesha ivyo bintu abana babo+,
6 kugira ngo urunganwe ruzokurikira,
ni ukuvuga abana bazovuka babimenye+,
na bo baheze babimenyeshe abana babo+.
7 Ivyo vyotumye abo bana bizigira Imana,
8 Vyotumye kandi batamera nka ba sekuruza babo,
urunganwe rw’intagondwa kandi rw’abagarariji+,
urunganwe rw’umutima uhindagurika*+
kandi ruhemukira Imana.
9 Abefurayimu bari bafise imiheto,
ariko barataye baromoka ku musi w’intambara.
12 Yakoreye ibintu bitangaje mu maso ya ba sekuruza babo+,
mu gihugu ca Misiri, mu karere ka Zowani+.
17 Ariko bagumye bayicumurako
mu kugarariza Musumbavyose mu bugaragwa+.
18 Baragerageje Imana mu mitima yabo+
mu gusaba ibifungurwa bipfuza cane.
«None yoshobora no kuduha umukate,
canke guha inyama abantu bayo+?»
21 Yehova avyumvise yaciye ashavura+.
Nuko umuriro+ utangura gutikiza uruvyaro rwa Yakobo,
ishavu ryiwe rirurumbira uruvyaro rwa Isirayeli+,
ntibizigire ko ishoboye kubakiza.
23 Yaciye ategeka ikirere co hejuru cuzuye ibicu,
yugurura imiryango y’ijuru.
26 Yatumye mu kirere haduka umuyaga uvuye mu buseruko,
atuma umuyaga wo mu bumanuko uhuhuta kubera ububasha bwiwe+.
27 Araheza abatibagurira inyama nyinshi nk’umukungugu,
inyoni nyinshi nk’umusenyi wo ku kiyaga.
28 Atuma zigwa mw’ikambi yabo,
no hirya no hino y’amahema yabo.
30 Ariko umunoho wabo utarahera,
ivyo bifungurwa bikiri mu kanwa kabo,
Iraheza yica abagabo b’inguvu muri bo+,
yica imisore yo muri Isirayeli.
33 Yaciye ituma ubuzima bwabo bumara akanya gato nk’impemu+,
ituma imyaka y’ubuzima bwabo imarwa n’ivyago bije giturumbuka.
34 Ariko igihe cose itanguye kubica, baca bayirondera+.
Barahindukira bakarondera Imana,
36 Mugabo bagumye bagerageza kuyihenda n’akanwa kabo,
bagerageza kuyibesha n’ururimi rwabo.
Kenshi yaratsinda ishavu ryayo+,
aho kurireka ngo riduge ryose.
42 Ntibibutse ububasha* bwayo,
umusi yabarokora* ikabakiza umwansi+.
43 Ntibibutse ibimenyetso yakoreye mu Misiri+
n’ibitangaro yakoreye mu karere ka Zowani,
44 ingene yahinduye amaraso imigende y’uruzi Nili+,
ku buryo badashobora kunywa amazi yo mu nzuzi zabo.
46 Yatumye ibiterwa vyabo biribwa n’inzige zitema zigatongora,
atuma ivyo babiriye akuya biribwa n’ibitero vy’inzige+.
49 Yabarekuriyeko ishavu ryayo rirurumba,
uburake n’ubushangashirwe bwayo hamwe n’ivyago.
Irungika ibitero vy’abamarayika ngo babateze ivyago.
50 Yaraciriye inzira ishavu ryayo,
ntiyabakingira urupfu,
ahubwo irabareka ngo bamarwe n’ikiza.
52 Yaciye ikurayo abantu bayo, ibasohora nk’ubusho bw’ibitungwa+,
ibayobora nka kurya kw’ibitungwa mu gahinga.
55 Yarirukanye amahanga ngo ababise+,
iraheza ibaha intoranwa ikoresheje umugozi wo gupimisha+,
ituma imiryango y’Abisirayeli yironkera amazu yayo bwite+.
57 Barasubiye inyuma barahemuka nka ba sekuruza babo+.
Ntibabaye abo kwizigirwa, babaye nk’umuheto wabohotse+.
61 Yararetse ikimenyetso c’inkomezi zayo kiratwarwa,
ikimenyetso c’ubwiza bwayo igishira mu maboko y’abansi+.
67 Yarataye ihema rya Yozefu,
ntiyatora umuryango wa Efurayimu.