9 Uze ukenyeze Aroni n’abahungu biwe vya bikenyezo, wongere uzingire kuri bo ka kambarwa ko mu mutwe. Ubuherezi buze bucike ubwabo, bibe icagezwe gushika igihe kitagira urugero+. Ukwo ni ko uzokwuzuza ububasha ukuboko kwa Aroni n’ukw’abahungu biwe+.
11 “Kandi Aroni aze ashikirize ya shūri y’ishikanwa ry’igicumuro itangwa ku bwiwe, atange impongano ku bwiwe no ku bw’inzu yiwe. Aze akerere nya shūri y’ishikanwa ry’igicumuro itangwa ku bwiwe+.
27 Ntakeneye ku musi ku musi+, nka ba baherezi bakuru, gushikana ibimazi, ubwa mbere ku bw’ibicumuro vyiwe bwite+ hanyuma ku bw’ibicumuro vy’abantu+ (kuko ivyo yabigize rimwe rizima+ igihe yishikana+ ubwiwe);
7 mugabo mu gihimba kigira kabiri umuherezi mukuru ni we wenyene yinjirayo rimwe mu mwaka+, atibagiye amaraso+, ayo ashikana ku bwiwe+ no ku bw’ibicumuro abantu bakoze ku kutamenya+.