Ezekiyeli
20 Nuko mu mwaka ugira indwi, mu kwezi kwa gatanu, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, abashingantahe bamwe bo muri Isirayeli baraza bicara imbere yanje, kugira bahanuze Yehova. 2 Maze Yehova ambwira ati: 3 «Mwana w’umuntu, vugana n’abashingantahe bo muri Isirayeli, ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Mbega muzanywe no kumpanuza? Jewe Umukama Segaba Yehova mvuze nti: “Ndirahiye jewe Imana nzima yuko ata co ndabishura ku vyo muje kumpanuza+.”’”
4 Mbega uriteguriye kubacira urubanza*? Uriteguriye kubacira urubanza, ga mwana w’umuntu? Bamenyeshe ibintu bishisha ba sekuruza bakoze+. 5 Ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Umusi natora Isirayeli+, nararahiye* n’uruvyaro* rwa Yakobo, ndimenyekanisha kuri bo mu gihugu ca Misiri+. Egome, narabarahiye mvuga nti: “Ndi Yehova Imana yanyu.” 6 Uwo musi nararahiye yuko nzobakura mu gihugu ca Misiri, nkabajana mu gihugu nari narabarondereye*, igihugu gitemba amata n’ubuki+. Cari ciza kuruta ibindi bihugu vyose*. 7 Naciye ndababwira nti: “Umwe wese muri mwebwe nate kure ibintu bishisha ahanga amaso. Ntimwihumanishe ibigirwamana bisesemye* vyo mu Misiri+. Ndi Yehova Imana yanyu+.”
8 Mugabo barangararije, banka kunyumviriza. Ntibatereye kure ibintu bishisha bahanga amaso, kandi ntibahevye ibigirwamana bisesemye vyo mu Misiri+. Naciye rero nsezerana ko nzobasukako uburake bwanje, nkabarekurirako ishavu ryanje ryose mu gihugu ca Misiri. 9 Mugabo nagize ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe imbere y’amahanga bari babayemwo+, kuko nimenyekanishije kuri bo* imbere y’ayo mahanga igihe nabakura* mu gihugu ca Misiri+. 10 Narabakuye rero mu gihugu ca Misiri, ndabajana mu bugaragwa+.
11 Naciye ndabaha ivyagezwe vyanje, ndabamenyesha n’ingingo nashinze+, kugira ngo uwuzikurikiza ashobore kubaho kubera zo+. 12 Narabahaye n’amasabato yanje+ ngo abe ikimenyetso hagati yanje na bo+, kugira ngo bamenye yuko ari jewe Yehova ndiko ndabeza.
13 Ariko Abisirayeli barangararije mu bugaragwa+. Ntibakurikije ivyagezwe vyanje, kandi barateye akagere ingingo nashinze, zimwe zituma uwuzikurikiza abaho. Barahumanije cane amasabato yanje. Naciye rero nsezerana ko nzobasukako uburake bwanje mu bugaragwa kugira ngo ndabahonye+. 14 Nagize ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe imbere y’amahanga yabonye ingene nabakuye* mu Misiri+. 15 Aho mu bugaragwa narabarahiye kandi ko ntazobajana mu gihugu nari nabahaye+, igihugu gitemba amata n’ubuki+, ciza kuruta ibindi bihugu vyose*. 16 Nabigize kubera ko bateye akagere ingingo nashinze, ntibakurikiza ivyagezwe vyanje, bahumanya n’amasabato yanje, kuko umutima wabo wakurikira ibigirwamana vyabo bisesemye+.
17 Mugabo narabumviye* akagongwe sinabatikiza. Sinabahonereje mu bugaragwa. 18 Nabwiye abana babo mu bugaragwa+ nti: “Ntimukurikize amategeko ya ba sogokuruza banyu+ canke ngo mwubahirize ingingo bashinze, canke ngo mwihumanishe ibigirwamana vyabo bisesemye. 19 Ndi Yehova Imana yanyu. Nimukurikize ivyagezwe vyanje, mwubahirize ingingo nashinze, muzisunge+. 20 Amasabato yanje mukwiye kubona ko ari meranda+. Azoba ikimenyetso hagati yanje namwe, kugira ngo mumenye yuko ndi Yehova Imana yanyu+.”
21 Ariko abo bana baciye batangura kungarariza+. Ntibakurikije ivyagezwe vyanje, kandi ntibubahirije ingingo nashinze ngo bazisunge, zimwe zituma uwuzikurikiza abaho. Barahumanije amasabato yanje. Naciye rero nsezerana ko nzobasukako uburake bwanje, nkabarekurirako ishavu ryanje ryose mu bugaragwa+. 22 Mugabo narigumije+, ngira ico nkoze ku bw’izina ryanje+, kugira ngo ntirihumanywe imbere y’amahanga yabonye ingene nabakuye* mu Misiri. 23 Vyongeye, narabarahiye mu bugaragwa yuko nzobasanzaza mu mahanga, nkabashwiragiza mu bihugu+, 24 kuko batisunze ingingo nashinze, batera akagere ivyagezwe vyanje+, bahumanya amasabato yanje, bakurikira* ibigirwamana bisesemye vya ba sekuruza babo+. 25 Vyongeye, narabaretse bakurikira amategeko atari meza n’ingingo zitashobora gutuma babaho+. 26 Narabaretse barahumanywa n’ibimazi vyabo igihe umwana wese w’imfura bamuturira+. Nabigize kugira ngo ntume basigara bifumbereje, baheze bamenye yuko ndi Yehova.’”
27 Mwana w’umuntu, bwira rero Abisirayeli uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘No muri ubwo buryo, ba sogokuruza banyu baransuzuguye* mu kumpemukira. 28 Nabajanye mu gihugu nari nararahiye ko nzobaha+. Aho baboneye imirambi yose miremire n’ibiti vyose bitotahaye+, baciye batangura gushikana ibimazi vyabo n’amashikanwa yabo ambabaza. Barahashikaniye ibimazi vyabo nk’akamoto keza*, bahasuka n’amashikanwa yabo y’ibinyobwa. 29 Naciye ndababaza nti: “Ico kibanza gitaramutse ni ic’iki? (Kiracitwa ikibanza gitaramutse gushika n’uyu musi+.)”’”
30 Bwira rero Abisirayeli uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Mbega muriko mwihumanya nk’uko ba sogokuruza banyu babigize, mu gukurikira ibigirwamana vyabo bisesemye, bakampemukira* mu kubisenga+? 31 Gushika n’uyu musi muracabandanya kwihumanya mu gushikanira ibimazi ibigirwamana vyanyu vyose bisesemye, mugaturira abana banyu+. Hanyuma ngo ndabishure ku vyo mumpanuza ga yemwe Bisirayeli+?’”
Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ndirahiye jewe Imana nzima yuko ata co ndabishura ku vyo mumpanuza+. 32 Muvuga ngo: ‘Tube nk’abo mu mahanga, nk’abo mu miryango yo mu bindi bihugu basenga* ibiti n’amabuye+.’ Ivyo mwiyumvira* igihe muvuga gutyo, ntibizokwigera biba.”»
33 «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ndirahiye jewe Imana nzima yuko nzobaganza nkoresheje ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha*, ndabasukeko n’uburake bwanje+. 34 Nzobakura mu mahanga, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo, nkoresheje ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha*, ndabasukeko n’uburake bwanje+. 35 Nzobajana mu bugaragwa bw’amahanga. Aho ni ho nzobaburaniriza amaso mu yandi+.”
36 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Nk’uko naburanije ba sogokuruza banyu mu bugaragwa bw’igihugu ca Misiri, ni ko namwe nzobaburanya. 37 Nzobacisha munsi y’inkoni y’umwungere+, ntume mwubahiriza isezerano*. 38 Mugabo nzokuraho abagarariji bari muri mwebwe n’abancumurako+. Nzobakura mu gihugu babamwo ari abanyamahanga, mugabo ntibazokwinjira mu gihugu ca Isirayeli+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”
39 Nayo ku bijanye namwe ga Bisirayeli, Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Umwe wese muri mwebwe nagende akorere ibigirwamana vyiwe bisesemye+. Mugabo mu nyuma nimutanyumviriza, ntibizokunda ko mwongera guhumanya izina ryanje ryeranda biciye ku bimazi vyanyu no ku bigirwamana vyanyu bisesemye+.”
40 “Kuko ku musozi wanje mweranda, ku musozi muremure wo muri Isirayeli+, ari ho mwese Abisirayeli uko mungana muzonkorera muri muri ico gihugu+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Muzompimbara muri ng’aho, kandi nzobasaba intererano zanyu n’amashikanwa yanyu meza kuruta ayandi, ibintu vyanyu vyeranda vyose+. 41 Ninabakura mu mahanga, nkabakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo+, muzompimbara kubera akamoto keza*, kandi nzoboneka ko ndi mweranda hagati muri mwebwe imbere y’amahanga+.”
42 “Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+, ninabajana mu gihugu ca Isirayeli+, mu gihugu narahiye ko nzoha ba sogokuruza banyu. 43 Mugezeyo muzokwibuka ingeso zanyu n’ibintu vyose mwakoze mukihumanya+. Muzokwumva mwiyanse cane* kubera ibintu bibi vyose mwakoze+. 44 Muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova, ninagira ico ndabakoreye ku bw’izina ryanje+. Sinzobakorera ibihwanye n’ingeso zanyu mbi canke ibikorwa vyanyu bihumanye, yemwe Bisirayeli”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»
45 Maze Yehova yongera kumbwira ati: 46 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe mu karere ko mu bumanuko, ubwire ubumanuko, ubwire ubuhanuzi ikibira co mu gahinga ko mu bumanuko. 47 Bwira ikibira co mu bumanuko uti: “Niwumve ijambo rya Yehova. Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ehe ngira ndomeke umuriro ukwereke+, uturire uherengeteze igiti cose kibisi n’igiti cose cumye kiri iwawe. Urubeya rururumba ntiruzozima+, kandi ruzobabura mu maso h’abantu bose, kuva mu bumanuko gushika mu buraruko. 48 Abantu bose* bazobona yuko jewe Yehova nagihaye umuriro, ku buryo utazozima+.’”»
49 Maze mvuga nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Bamvuga ngo: “Uyo avugira mu migani* gusa.”»