Matayo
23 Maze Yezu abwira amasinzi y’abantu hamwe n’abigishwa biwe ati: 2 «Abanditsi n’Abafarizayo bariyicaritse ku ntebe ya Musa. 3 Ivyo bababwira vyose rero muvyubahirize, ariko ntimukore nk’ivyo bakora, kuko ivyo bavuga atari vyo bakora+. 4 Batekera imizigo iremereye bakayiremeka abantu ku bitugu+, ariko bobo ntibashaka kuyikozako n’urutoke+. 5 Ivyo bakora vyose babikora kugira biyerekane+. Nk’akarorero, bambara udusandugu* tuninitunini turimwo ivyanditswe kugira bikingire+, kandi bakarehura ubuyonga bw’impuzu zabo+. 6 Bakunda kwicara mu bibanza vy’iteka ku nzimano* no mu bibanza vy’imbere* mu masinagogi+. 7 Bakunda kandi ko abantu babaramutsa mw’isoko be n’uko babita Rabi*. 8 Ariko mwebwe ntimukitwe Rabi, kuko Umwigisha wanyu+ ari umwe, namwe mwese muravukana. 9 Vyongeye, ntihagire umuntu n’umwe mwita so kw’isi, kuko So wanyu+ ari umwe, umwe ari mw’ijuru. 10 Kandi ntimukitwe indongozi, kuko Indongozi yanyu ari imwe, na yo ikaba ari Kristu. 11 Mugabo umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+. 12 Uwishira hejuru azocishwa bugufi+, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru+.
13 Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! Kuko mwugarira umuryango w’Ubwami bwo mw’ijuru imbere y’abantu. Mwebwe ubwanyu ntimubwinjiramwo kandi n’abagomba kubwinjiramwo ntimubemerera+. 14* ——
15 Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe+! Kuko mukwiragira mu biyaga no mu misozi kugira muronke umuntu mwinjiza mw’idini ryanyu. Kandi amaze kuryinjira, mutuma aba uwubereye kuja muri Gehena* incuro zibiri kubasumvya.
16 Muragowe mwa ndongozi zihumye+ mwe, kuko muvuga ngo: “Iyo umuntu arahiye urusengero nta co bitwaye, ariko iyo arahiye inzahabu yo mu rusengero abwirizwa gushitsa iyo ndahiro+.” 17 Mwa bijuju n’impumyi mwe! None ikiruta ikindi ni ikihe: ni inzahabu canke ni urusengero rweza iyo nzahabu? 18 Murongera mukavuga ngo: “Iyo umuntu arahiye igicaniro nta co bitwaye, ariko iyo arahiye ishikanwa riri kuri co abwirizwa gushitsa iyo ndahiro.” 19 Mwa mpumyi mwe! None ikiruta ikindi ni ikihe: ni ishikanwa canke ni igicaniro ceza iryo shikanwa? 20 Uwurahiye igicaniro rero aba arahiye igicaniro n’ibiri kuri co vyose, 21 kandi uwurahiye urusengero aba arahiye urusengero n’uwuba muri rwo+. 22 Vyongeye, uwurahiye ijuru aba arahiye intebe y’ubwami y’Imana n’uwicayeko.
23 Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! Kuko mutanga ic’icumi ca menta, aneto na kumino*+, ariko mukirengagiza ibihambaye kuruta vyo mu mategeko, ari vyo vy’ibi: ubutungane+, imbabazi+ n’ubwizigirwa. Ivyo bintu mwari mukwiye kubikora ariko mutirengagije n’ivyo bindi+. 24 Mwa ndongozi zihumye+, mumimina agatuku+ ariko mukarotsa ingamiya+!
25 Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! Kuko mwoza inyuma igikombe n’isahani+, ariko imbere vyuzuye umwina*+ n’ukutigerera+. 26 Wa Mufarizayo w’impumyi we, banza woze imbere igikombe n’isahani kugira ngo n’inyuma hase neza.
27 Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe+! Kuko musa n’imva zisize ishwagara+. Inyuma ziboneka ko ari nziza, ariko imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ubuhumane bw’ubwoko bwose. 28 Na mwebwe nyene inyuma muboneka ko muri abagororotsi, ariko imbere mwuzuye ubwiyorobetsi n’ubugarariji+.
29 Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi+ mwe! Kuko mwubaka imva z’abahanuzi kandi mugashariza imva* z’abagororotsi+, 30 mukavuga ngo: “Iyo tuza kuba tuhari mu gihe ca ba sokuruza, ntitwari kwifatanya na bo mu gusesa amaraso y’abahanuzi.” 31 Ukwo ni ko mwiyagiriza ko muri abana b’abishe abahanuzi+. 32 Nimwuzuze rero ingero ya ba sokuruza banyu.
33 Mwa nzoka mwe, mwa ruvyaro rw’imamba mwe+, muzohunga gute urubanza rwa Gehena*+? 34 Ni co gituma ngira ndabarungikire abahanuzi+, abantu b’inkerebutsi n’abigisha+. Bamwe muzobica+, abandi mubamanike ku giti, abandi na bo mubashishagurire+ mu masinagogi yanyu mwongere mubahame+ mu bisagara vyanyu vyose, 35 kugira ngo amaraso yose y’abagororotsi yavishijwe kw’isi aje ku gatwe kanyu, kuva ku maraso ya wa mugororotsi Abeli+ gushika ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya, uwo mwiciye hagati y’aheranda n’igicaniro+. 36 Ni ukuri ndabibabwiye, abantu b’iki gihe* ntibazogenda badahaniwe ivyo bintu vyose.
37 Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi kandi ukicisha amabuye abagutumweko+! Ni kangahe nashatse kwegeranya abana bawe nka kurya inkokokazi yegeraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo? Ariko mwaravyanse+. 38 Ehe raba inzu yanyu murayitanywe*+! 39 Ni ukuri ndabibabwiye, ntimuzogenda musubiye kumbona gushika muvuze muti: “Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova*+!”»